Mu vy'ukuri, Imana Allah hamwe n'Intumwa yayo Baraziririje kugurisha inzoga, kwihereza intumvyi n'ingurube, hamwe rero n'isengwa ry'ibigirwamana

Mu vy'ukuri, Imana Allah hamwe n'Intumwa yayo Baraziririje kugurisha inzoga, kwihereza intumvyi n'ingurube, hamwe rero n'isengwa ry'ibigirwamana

Mu vyakiriwe na Jaabiri mwene Abdillaahi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko yumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) iri i Makka mu mwaka w'ihabuzwa ry'igisagara ca Makka, ivuga iti: "Mu vy'ukuri, Imana Allah hamwe n'Intumwa yayo Baraziririje kugurisha inzoga, kwihereza intumvyi n'ingurube, hamwe rero n'isengwa ry'ibigirwamana", umwe mu bari aho aca avuga ati: "Ntumwa y'Imana! Ubona gute mu gihe ibinure vyokurwa ku ntumvyi; mu vy'ukuri ivyo binure birakoreshwa mu gusiga ku mbaho zikoreshwa mu kwubaka ubwato, bigasigwa no ku nsato kugira zorohe, eka n'abantu nyene baravyisiga, vyoba birekuwe?". Intumwa ica yishura iti: "Ihibambwe, ivyo binure kirazira kuvyikorako", hanyuma ico gihe Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye ivuga iti: "Abayahudi barakicwa n'Imana Allah! Ni ukuri igihe Imana Allah Yaziririza ibinure vy'intumvyi ku bayahudi, barabihinguye baca baravyikorako mu kubigurisha, hanyuma bafungura igiciro cavyo".

[صحيح] [متفق عليه]

الشرح

Jaabiri mwene Abdullaahi (Imana Allah Ibishimire bompi) yarumvise Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ari i Makka mu mwaka w'ihabuzwa rya Makka avuga ati: Mu vy'ukuri Imana Allah hamwe n'Intumwa yayo Baraziririje igurishwa ry'inzoga, ukurya intumvyi n'ingurube, hamwe rero n'ugusenga ibigirwamana, maze umwe mu bari ng'aho aca avuga abaza Intumwa ati: Ewe Ntumwa y'Imana! Mbega vyoba birekuwe ko tugurisha ibinure bivuye ku ntumvyi? Kuko mu vy'ukuri, birakoreshwa bigasigwa ku ubwato bwunguruza abantu, bigasigwa no ku nsato, bikanakoreshwa n'abantu mu kwatsa amatara, Intumwa ica yishura iti: Ihibambewe ntibirekuwe! Ukubigurisha kirazira kikaziririzwa. Hanyuma ni ho (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaca ivuga iti: Burya Imana Allah Yahoneje abayahudi Yongera Irabavuma; kuko mu vy'ukuri, igihe Imana Allah Yaziririza ku bayahudi ibinure vy'ibitungwa, baciye babiyaza birayonga, maze baca bagurisha amavuta yavyo, baraheza bafungura igiciro cavyo".

فوائد الحديث

Al-Nawawiy yavuze ati: "Intumvyi, inzoga hamwe n'ingurube, abislamu bose barahurije ku ngingo y'iziririzwa ryo kugurisha kimwe cose muri vyo".

Al-Qaadwi yavuze ati: "Iyi nyigisho y'intumwa ihurikiyemwo ingingo yemeza ko ikintu cose kitarekuwe kuribwa no kucikorako, kiba kizira no kukigurisha, eka no kurya igicira caco biba bizira, nk'uko biri muri iyi ngingo yerekeye iziririzwa ry'ibinure rivugwa muri iyi nyigisho y'intumwa".

Ibnu Hajar yavuze ati: "Imvugo y'iyo nyigisho irerekana inguvu y'ico abenshi bayitahuyemwo ko imvugo ivuga iti: "Ivyo binure kirazira kikaziririzwa kuvyikorako", yerekana ko ikizira ari ukuyagurisha, atari ukuyikorako".

Urwenge rwose rukoreshwa mu ntumbero yo kuzirura ikizira, ni ikinyoma ceruye ntirurekuwe.

Al-Nawawiy yavuze ati: "Abamenyi bavuze ko iziririzwa ryo kugurisha intumvyi muri rusangi, rihurikiyemwo n'iziririzwa ryo kugurisha ikiziga c'umugarariji mu gihe twomwica, maze abagarariji bagasaba ko bamugura, canke ko bagira ico batanze mu kumugombora; kuko vyarakiriwe mu nyigisho y'intumwa ko Nawfal mwene Abdullaahi Al-Makhzuumiy yishwe n'abislamu ku musi w'urugamba rwa Al-Khandaqi, maze abagarariji bashaka kugombora ikiziga ciwe mu gutanga ibihumbi cumi vy'Amadirham bahereje Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ntiyaheza ngo ayakire, aca abahereza nya kiziga ata co barinze gutanga".