Hariho amajambo abiri yoroshe kuvuga ku rurimi, aremereye mu ndishi ku munzane, akundwa na Nyenimpuhwe

Hariho amajambo abiri yoroshe kuvuga ku rurimi, aremereye mu ndishi ku munzane, akundwa na Nyenimpuhwe

Mu vyashikirijwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati: "Hariho amajambo abiri yoroshe kuvuga ku rurimi, aremereye mu ndishi ku munzane, akundwa na Nyenimpuhwe: SUB-HAANA LLAAHI L'ADHWIIM, SUB-HAANA LLAAHI WABIHAMDIHI".

[صحيح] [متفق عليه]

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yaratwiganiye ko hariho amajambo abiri yorohera umuntu kuyavuga mu bihe vyose ata n'uburemere burimwo, n'uko impera yo kuyavuga ari nyinshi ku munzane w'ibikorwa vyiwe, n'uko Imana yacu Rurema Nyenimpuhwe, Nyenimigisha na Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, Iyakunda cane, na yo akaba ari: "SUB-HAANA LLAAHI L'ADHWIIM" na "SUB-HAANA LLAAHI WABIHAMDIH", ivyo bikavana n'uko ayo majambo ahurikiyemwo ininahazwa n'ishimagizwa ry'Imana Allah Nyenimigisha-nta ngere, na Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, mu kwerekana ubuhambare n'ubutore vyayo, hamwe n'iyezwa ryayo mu buryo buzira kwitirirwa ibiteye kubiri n'ivyo.

فوائد الحديث

Ininahaza n'itaziramana rihambaye cane, ni rirya rihuriza hamwe iyezwa ry'Imana Allah kuri birya vyose vyerekana akanenge n'agahaze hamwe rero n'ishimagizwa ku vyiza biyiranga.

Ukwerekana impuhwe nta ngere z'Imana Allah ku baja bayo, ku buryo Ihembera igikorwa gito indishi nyinshi.

التصنيفات

Timeless Dhikr