Nta n'umwe muri mwebwe yokwemera bikwiye atabanje kunkunda kuruta kurya akunda umuvyeyi wiwe, umwana wiwe, eka mbere kuruta kurya akunda abantu bose

Nta n'umwe muri mwebwe yokwemera bikwiye atabanje kunkunda kuruta kurya akunda umuvyeyi wiwe, umwana wiwe, eka mbere kuruta kurya akunda abantu bose

Mu vyakiriwe na Anasi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati: "Nta n'umwe muri mwebwe yokwemera bikwiye atabanje kunkunda kuruta kurya akunda umuvyeyi wiwe, umwana wiwe, eka mbere kuruta kurya akunda abantu bose".

الشرح

Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratwiganira ko umwislamu adashobora kwemera bikwiye atabanje gushira imbere urukundo akunda Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), maze akayikunda kuruta kurya akunda nyina wiwe na se wiwe, umwana wiwe w'umuhungu canke w'umukobwa, eka mbere n'abantu bose. Uru rukundo rero, ni rwo rutuma umuntu yumvira Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) akanayitabara, maze akareka no guca kubiri n'amabwirizwa yayo mu kugabitanya.

فوائد الحديث

Ni ngombwa gukunda Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) kuruta uko umuntu akunda ibiremwa vyose.

Biri mu bimenyetso vyerekana urukundo rutagabanije, uguharanira inyigisho n'imigenzo vy'intumwa ko bisasagara bikaganza, maze umuntu akitanga we n'ivyiwe mu ntumbero yo gushika kuri nya hangiro.

Ugukunda Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), bituma umuntu ayumvira akayigamburukira muri vyose yabwirije, akanayemera muri vyose yashikirije, akanirinda kandi gukora birya vyose yabujije ikanihaniza, maze umuntu akayikurikira akanavavanura n'ivyadukano.

Agateka k'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), karahambaye kandi karashimangiwe gusumba ak'abantu bose, kuko ari we yatubereye imvo y'ukurongoka tukava mu buhuvyi, maze tukarokoka umuriro tugatsindira Ubwami bw'ijuru.