Uwuzobona muri mwebwe ikibi gisasiwe indava, araheza akibuze akoresheje inguvu z'iminwe yiwe; nibitamushobokera ku nguvu z'iminwe, araheza akoreshe ururimi maze yamame; nibitamushobokera gukoresha ururimi, araca yanka yankirize nya kibi ku mushaha wiwe, ukwo kucanka ku mushaha rero, ni kwo kwemera…

Uwuzobona muri mwebwe ikibi gisasiwe indava, araheza akibuze akoresheje inguvu z'iminwe yiwe; nibitamushobokera ku nguvu z'iminwe, araheza akoreshe ururimi maze yamame; nibitamushobokera gukoresha ururimi, araca yanka yankirize nya kibi ku mushaha wiwe, ukwo kucanka ku mushaha rero, ni kwo kwemera kugoyagoya

Mu vyakiriwe na Abu Sa'iid Al-Khudriy (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti: "Uwuzobona muri mwebwe ikibi gisasiwe indava, araheza akibuze akoresheje inguvu z'iminwe yiwe; nibitamushobokera ku nguvu z'iminwe, araheza akoreshe ururimi maze yamame; nibitamushobokera gukoresha ururimi, araca yanka yankirize nya kibi ku mushaha wiwe, ukwo kucanka ku mushaha rero, ni kwo kwemera kugoyagoya"".

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) abwiriza umwislamu ko ategerezwa kubuza ikorwa ry'ikibi "al-mun-karu"; ikibi na co kikaba ari kirya kintu cose cabujijwe n'Imana Allah n'Intumwa yayo, iryo buza ry'ikibi rero rigakorwa hisunzwe uburyo n'ububasha umwislamu afise; aramutse rero abonye ikibi gisasiwe indava, abwirizwa kubuza ko gikorwa akoresheje inguvu z'iminwe mu gihe yoba abishoboye; bimunaniye kubuza nya kibi akoresheje inguvu, araheza akabuza kugikora mu kwamama yibutsa uwagikoze ingaruka mbi comugirira, anamwerekeza gukora ivyiza ha gukora ibibi; bimunaniye kubuza nya kibi mu kwamama ahanura; aca acanka akacankiriza ku mushaha wiwe mu kwiyemeza ko iyo aza kuba ashoboye kukibuza, yokibujije. Ukwanka n'ukwankiriza ikibi ku mushaha rero, ni rwo rugero rwo hasi rubaho mu kubuza ikorwa ry'ikibi.

فوائد الحديث

Iyi nyigisho y'intumwa, ifatwa ko ari ibwirizwa mu kwerekana inzego zikurikizwa mu kubuza ikorwa ry'ikibi.

Itegeko ryo gukurikiza izo nzego mw'ibuzwa ry'ikibi, ryubahirizwa hisunzwe uburyo n'ubushobozi umwumwe wese afise.

Itegeko ry'ibuza ry'ikibi, ni umuryango wagutse mw'idini ku buryo ata n'umwe yoryigobotora, umwislamu uwo ari we wese rero, abwirizwa kurishira mu ngiro yisunze uburyo n'ubushobozi afise.

Itegeko ryo kubwiriza gukora iciza n'iryo kubwiriza kureka gukora ikibi, biri mu bintu biranga ukwemera; ukwemera na kwo rero, burya kuriyongera canke kukagabanuka hisunzwe ibikorwa.

Igisabwa mu kwubahiriza itegeko ryo kubwiriza kureka gukora ikibi, ni ubumenyi bujanye na nya kibi kibuzwa.

Igisabwa mu kubwiriza kureka gukora ikibi, ni uko hatoba inkurikizi zotuma hakorwa ikindi kibi kikiruta mu bubi.

Ukubuza ikorwa ry'ikibi, kurafise urupfasoni n'ibisabwa vyubahirizwa, bikaba ari ngombwa ko umwislamu abanza akavyiga akabitahura.

Ukubuza hamwe n'ukwamirira kure ikorwa ry'ikibi, birakeneye ubumenyi bw'idini bw'ukuntu bigenda, bigakenera n'ubumenyi hamwe n'ubukerebutsi muri rusangi.

Ukutanka n'ukutankiriza ikibi ku mushaha, vyerekana ukwemera kugoyagoya.