إعدادات العرض
Mu vy'ukuri twebwe twiyumvamwo ibintu bihambaye mu bubi, ku buryo umwe muri twebwe bimuremera kuba yobivuga, Umuvugishwamana aca ababaza ati: "Ni ivy'ukuri ko mwiyumvamwo ivyo bintu bihambaye?", na bo baca bishura bati: "Ego cane! Turavyiyumvamwo.", aca ababwira ati: "Ukwo kutubahuka kubivuga rero,…
Mu vy'ukuri twebwe twiyumvamwo ibintu bihambaye mu bubi, ku buryo umwe muri twebwe bimuremera kuba yobivuga, Umuvugishwamana aca ababaza ati: "Ni ivy'ukuri ko mwiyumvamwo ivyo bintu bihambaye?", na bo baca bishura bati: "Ego cane! Turavyiyumvamwo.", aca ababwira ati: "Ukwo kutubahuka kubivuga rero, ni kwo kwemera gutomoye
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko higeze kuza abantu mu ngendanyi z'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) baca bamubaza bati: "Mu vy'ukuri twebwe twiyumvamwo ibintu bihambaye mu bubi, ku buryo umwe muri twebwe bimuremera kuba yobivuga, Umuvugishwamana aca ababaza ati: "Ni ivy'ukuri ko mwiyumvamwo ivyo bintu bihambaye?", na bo baca bishura bati: "Ego cane! Turavyiyumvamwo.", aca ababwira ati: "Ukwo kutubahuka kubivuga rero, ni kwo kwemera gutomoye".
الترجمة
العربية English မြန်မာ Svenska Čeština ગુજરાતી Yorùbá Nederlands اردو Español Bahasa Indonesia ئۇيغۇرچە বাংলা Bosanski සිංහල हिन्दी Tiếng Việt Kurdî Hausa മലയാളം తెలుగు Kiswahili پښتو অসমীয়া Shqip دری Ελληνικά Български Fulfulde ಕನ್ನಡ Кыргызча Lietuvių or Română Kinyarwanda Српски тоҷикӣ O‘zbek नेपाली Moore Wolof Soomaali Tagalog Français Azərbaycan Українська Bambara தமிழ் Deutsch ქართული Português Македонски Magyar فارسی Русский 中文 ភាសាខ្មែរ Malagasy Oromoo ไทย Dansk मराठी ਪੰਜਾਬੀ Türkçe Lingala Italiano አማርኛ kmrالشرح
Hari umugwi w'abantu mu ngendanyi z'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) waje maze uramubaza ku bintu bibi bihambaye wiyumvamwo ata n'uwokwubahuka kubivuga ku bubi bwavyo n'ukuba ata n'uwokwihanganira kuvyumva, maze Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: Burya ivyo bintu bibi mwiyumvamwo bikabaremera kubivuga, vyerekana ukwemera nya kwemera hamwe n'ukwizera mufise, bigatuma mwamirira kure inyoshambi shetani ibatera mu mitima yanyu, maze mukanka no kwubahuka kubivuga kuko imishaha yanyu yatahuye ububi bwavyo, gutyo bigatuma shetani inanirwa gushikira imitima yanyu ngo iyihubishe, kuri ico rero, mukaba mutandukanye n'urya muntu shetani ishikira umutima wiwe, maze ikamuhubisha kuko atashoboye kuyirwanya mu kwanka ivyo imwosha.فوائد الحديث
Kwerekana ingoga nke shetani ifise imbere y'abarangwa n'ukwemera, ku buryo ata co ibashoboyeko kiretse kubatera inyoshambi gusa.
Kutemera no kudakurikiza ivyiyumviro vy'inyoshambi bishikira umuntu; kuko biba biturutse kuri shetani.
Inyoshambi za shetani nta co zicira umwemeramana, ariko rero birakenewe ko yikinga ku Mana Allah kugira Imukingire ingaruka mbi zazo, maze akareka gushishikara kwiyumvira ku vyerekeye izo nyoshambi.
Ntibibereye ku mwislamu ko yinumira ngo ntaserure ikimubakiye kimugoye mu vyerekeye idini, ahubwo ikibereye kuri we ni uko abaza kugira amenye.
