Nihashimagizwe Imana Allah, Yo Yahagaritse urwenge rw'ihubisha rya shetani, rugaherera mu kuba inyoshambi gusa

Nihashimagizwe Imana Allah, Yo Yahagaritse urwenge rw'ihubisha rya shetani, rugaherera mu kuba inyoshambi gusa

Mu vyakiriwe na Mwene Abasi (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko Higeze kuza umuntu umwe ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mu vy'ukuri umwe muri twebwe, hari igihe yiyumvamwo ikintu kibi, ku buryo ha kukivuga yopfuma ahinduka umunyota". Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: "Imana Allah ni Yo Nkuru, Nikuzwe; Imana Allah ni Yo Nkuru, Nikuzwe, Nihashimagizwe Imana Allah, Yo Yahagaritse urwenge rw'ihubisha rya shetani, rugaherera mu kuba inyoshambi gusa".

[صحيح] [رواه أبو داود والنسائي في الكبرى]

الشرح

Harigeze kuza umuntu umwe ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: Ntumwa y'Imana! Mu vy'ukuri umwe muri twebwe, hari igihe bimushikira akiyumvamwo ikintu kibi ariko bikamuremera kukivuga kubera ububi bwaco, ku buryo yumva ha kukivuga yopfuma acika umunyota; Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye ivuga ijambo ry'ikuzamana incuro zibiri, ica iranashimira Imana Allah ku kuba Yahagaritse urwenge rw'ihubisha rya shetani, riraheza riguma ari inyoshambi gusa.

فوائد الحديث

Kwerekana ko shetani itegesha abemeramana inyoshambi zayo; kugira ibakure mu kwemera ibashire mw'igararizamana.

Kwerekana ingoga nke shetani ifise imbere y'abarangwa n'ukwemera, ku buryo ata co ibashoboyeko kiretse kubatera inyoshambi gusa.

Birakenewe ko umwemeramana yirengagiza inyoshambi za shetani, maze akazirwanya.

Birarekuwe kuvuga ijambo ry'ikuzamana igihe habaye ikintu ciza, canke igihe utamariwe mu gutangarira nya kintu ciza, canke ibindi bisa n'ivyo.

Birarekuwe ko umwislamu abaza umumenyi kuri kirya cose kimubakiye, kimugoye.