إعدادات العرض
Nihashimagizwe Imana Allah, Yo Yahagaritse urwenge rw'ihubisha rya shetani, rugaherera mu kuba inyoshambi gusa
Nihashimagizwe Imana Allah, Yo Yahagaritse urwenge rw'ihubisha rya shetani, rugaherera mu kuba inyoshambi gusa
Mu vyakiriwe na Mwene Abasi (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko Higeze kuza umuntu umwe ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mu vy'ukuri umwe muri twebwe, hari igihe yiyumvamwo ikintu kibi, ku buryo ha kukivuga yopfuma ahinduka umunyota". Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: "Imana Allah ni Yo Nkuru, Nikuzwe; Imana Allah ni Yo Nkuru, Nikuzwe, Nihashimagizwe Imana Allah, Yo Yahagaritse urwenge rw'ihubisha rya shetani, rugaherera mu kuba inyoshambi gusa".
الترجمة
العربية English မြန်မာ Svenska Čeština ગુજરાતી Yorùbá Nederlands اردو Español Bahasa Indonesia ئۇيغۇرچە বাংলা Bosanski සිංහල हिन्दी Tiếng Việt Hausa മലയാളം తెలుగు Kiswahili پښتو অসমীয়া Shqip دری Ελληνικά Български Fulfulde ಕನ್ನಡ Кыргызча Lietuvių or Română Kinyarwanda Српски тоҷикӣ O‘zbek नेपाली Moore Kurdî Wolof Soomaali Français Tagalog Azərbaycan Українська Bambara தமிழ் Deutsch ქართული Português Македонски Magyar فارسی Русский 中文 ភាសាខ្មែរ Malagasy Oromoo ไทย Dansk मराठी ਪੰਜਾਬੀ Türkçe Lingala Italiano አማርኛ kmrالشرح
Harigeze kuza umuntu umwe ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: Ntumwa y'Imana! Mu vy'ukuri umwe muri twebwe, hari igihe bimushikira akiyumvamwo ikintu kibi ariko bikamuremera kukivuga kubera ububi bwaco, ku buryo yumva ha kukivuga yopfuma acika umunyota; Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye ivuga ijambo ry'ikuzamana incuro zibiri, ica iranashimira Imana Allah ku kuba Yahagaritse urwenge rw'ihubisha rya shetani, riraheza riguma ari inyoshambi gusa.فوائد الحديث
Kwerekana ko shetani itegesha abemeramana inyoshambi zayo; kugira ibakure mu kwemera ibashire mw'igararizamana.
Kwerekana ingoga nke shetani ifise imbere y'abarangwa n'ukwemera, ku buryo ata co ibashoboyeko kiretse kubatera inyoshambi gusa.
Birakenewe ko umwemeramana yirengagiza inyoshambi za shetani, maze akazirwanya.
Birarekuwe kuvuga ijambo ry'ikuzamana igihe habaye ikintu ciza, canke igihe utamariwe mu gutangarira nya kintu ciza, canke ibindi bisa n'ivyo.
Birarekuwe ko umwislamu abaza umumenyi kuri kirya cose kimubakiye, kimugoye.
