Iyo umuntu arwaye canke ari ku rugendo, yandikirwa indishi nk'ivyo yahora akora ari mu rwiwe, akomeye

Iyo umuntu arwaye canke ari ku rugendo, yandikirwa indishi nk'ivyo yahora akora ari mu rwiwe, akomeye

Mu vyakiriwe na Abu Musa Al-Ash'ariy (Imana Allah Imwishimire), yavuze ati: "Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Iyo umuntu arwaye canke ari ku rugendo, yandikirwa indishi nk'ivyo yahora akora ari mu rwiwe, akomeye"".

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arerekana ivyiza n'impuhwe z'Imana Allah ku biremwa; arongera akerekana ko umwislamu iyo yari asanzwe akora ibikorwa vyiza mu gihe akomeye ari mu rwiwe, hanyuma hakagira ikimuciramwo akarwara ntabe agishoboye kubikora, canke agafatirwa n'urugendo rutuma atabikora, canke ikindi cose comufatira, muri ico gihe aheza akandikirwa indishi yavyo itagabanije; nk'aho yoba yabikoze mu gihe akomeye ari mu rwiwe.

فوائد الحديث

Ubwinshi bw'impuhwe z'Imana Allah ku baja bayo.

Ihimiriza ry'ukugira akigoro mu bikorwa nyumviramana, hamwe rero n'umuntu gukoresha neza umwanya agikomeye ata kimufatiriye (amagara n'umwanya w'ubwisanzure)..