Agateka k'umwislamu afise ku wundi mwislamu, kagizwe n'ibintu bitanu: kwitabira indamutso y'amahoro, gusuhuza umurwayi, guherekeza ikiziga, kwitaba ubutumire, hamwe rero n'ugusabira uwasamuye

Agateka k'umwislamu afise ku wundi mwislamu, kagizwe n'ibintu bitanu: kwitabira indamutso y'amahoro, gusuhuza umurwayi, guherekeza ikiziga, kwitaba ubutumire, hamwe rero n'ugusabira uwasamuye

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ati: "Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'imana Allah) ivuga iti: "Agateka k'umwislamu afise ku wundi mwislamu, kagizwe n'ibintu bitanu: kwitabira indamutso y'amahoro, gusuhuza umurwayi, guherekeza ikiziga, kwitaba ubutumire, hamwe rero n'ugusabira uwasamuye".

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arerekana neza na neza bimwe mu bintu bigize agateka k'umwislamu afise ku wundi mwislamu mwenewabo. Ica mbere mu bintu bigize agateka k'umwislamu, ni ukwishura uwukuramukije indamutso y'amahoro. Agateka kagira kabiri, ni ugusuhuza n'ukugendera umurwayi. Agateka kagira gatatu, ni uguherekeza ikiziga kuva muhira gushika mu kibanza bagisengeramwo; hanyuma akagiherekeza gushika aho gishingurwa mw'itongo ry'abapfuye. Agateka kagira kane, ni ukwitaba ubutumire iyo ahamagawe mu rubanza rwo kuzimana mu bukwe "waliima", n'ibindi. Agateka kagira gatanu, ni ugusabira uwasamuye iyo yasamuye akavuga ati: "Al-HAMDU LILLAAH" (Nihashimagizwe Imana Allah), uri uwundi na we akamusubiza mu kuvuga ati: "YAR-HAMUKA LLAAH" (Urakagira impuhwe z'Imana Allah), hanyuma uwasamuye agaca asubizayo ati: "YAHDIIKUMU LLAAHU WAYUSW-LIHU BAALAKUM" (Imana Allah Irakabarongora Inabahe kuroranirwa mu vyanyu).

فوائد الحديث

Ubwislamu burashimangira agateka kubahirizwa n'abislamu ku bandi muri bo mu ntumbero yo gutsimbataza ubuvandimwe n'urukundo hagati yabo.