إعدادات العرض
Kibondo! Mu vy'ukuri ngira ndakwigishe amajambo ngirakamaro, enda zigama Imana Allah mu kubungabunga amabwirizwa yayo, na Yo Izokuzigama Ikubungabunge; zigama Imana Allah uzoyisanga imbere yawe mu biguhanze; niwagira ico usavye, urasaba Imana Allah, niwashaka gusaba imfashanyo urayisaba Imana Allah
Kibondo! Mu vy'ukuri ngira ndakwigishe amajambo ngirakamaro, enda zigama Imana Allah mu kubungabunga amabwirizwa yayo, na Yo Izokuzigama Ikubungabunge; zigama Imana Allah uzoyisanga imbere yawe mu biguhanze; niwagira ico usavye, urasaba Imana Allah, niwashaka gusaba imfashanyo urayisaba Imana Allah
Mu vyakiriwe na mwene Abasi (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ati: "Umusi umwe nari mpetswe n'Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ku gitwazi iraheza imbwira iti: "Kibondo! Mu vy'ukuri ngira ndakwigishe amajambo ngirakamaro, enda zigama Imana Allah mu kubungabunga amabwirizwa yayo, na Yo Izokuzigama Ikubungabunge; zigama Imana Allah uzoyisanga imbere yawe mu biguhanze; niwagira ico usavye, urasaba Imana Allah, niwashaka gusaba imfashanyo urayisaba Imana Allah. Menya kandi ko abantu bose mu gihe bohuriza ku ngingo yuko hari ico bakumarira, ata na kimwe boshobora kukumarira kiretse kirya Imana Allah Yamaze kukwandikira ko ukironka; no mu gihe bohuriza ku ngingo yuko bakugeramira, ata na kimwe boshobora kukugeramirako kiretse kirya Imana Allah Yamaze kukwandikira ko kigushikira; burya rero ikaramu yandika ivyagezwe kuri umwumwe wese, yaramaze kwandika, kandi n'impapuro vyanditseko zaramaze kwumuka"".
الترجمة
العربية বাংলা Bosanski English Español Français Bahasa Indonesia Русский Türkçe اردو 中文 हिन्दी ئۇيغۇرچە Kurdî Hausa Português മലയാളം తెలుగు Kiswahili فارسی தமிழ் မြန်မာ Deutsch 日本語 پښتو Tiếng Việt অসমীয়া Shqip Svenska Čeština ગુજરાતી Yorùbá Nederlands සිංහල دری Fulfulde Magyar ಕನ್ನಡ Кыргызча Lietuvių or Română Kinyarwanda Српски O‘zbek Moore नेपाली тоҷикӣ Oromoo Wolof Soomaali Български Українська Azərbaycan Tagalog ქართული Bambara Македонски Ελληνικά ភាសាខ្មែរ Akan አማርኛ Italiano Malagasy ไทย मराठी ਪੰਜਾਬੀ Lingala msالشرح
Mwene Abasi (Imana Allah Imwishimire) aratwiganira ko igihe yari akiri umwana muto, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yigeze kuba amuhetse ku gitwazi, maze (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca amubwira ati: Mu vy'ukuri ngira ndakwigishe ibintu bizotuma Imana Allah Igira ico Ikumariye: Enda zigama Imana Allah mu kubungabunga amabwirizwa y'ibitegetswe n'ibibujijwe, ku buryo igihe cose Igusanga uri mu bikorwa nyumviramana na nyegerezamana, gutyo ntigusange uri mu vyaha no mu bicumuro, niwaramuka ukoze ivyo, impera yawe izoba ari uko Imana Allah Ikuzigama mu kugukingira ivyokubangamira mu buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa, maze Igushikane ku ntsinzi mu vyawe aho hose uzoba uroye kw'isi. Mu gihe rero wogira ikintu ushatse gusaba, ntugasabe nya kintu umuntu n'umwe, kiretse Imana Allah kuko ari Yo Yonyene Yishura abasavyi mu kubaronsa ivyo basavye. No mu gihe ushatse gusaba imfashanyo ku bikugoye, ntugasabe umuntu n'umwe kiretse Imana Allah. Uragira n'ukwizera nya kwizera ko ata kintu na kimwe ngirakamaro woshikako n'aho abantu bo kw'isi yose bogihurizako kugira ngo bakikumarire, kiretse kirya Imana Allah Yakwandikiye ko ukironka; n'uko ata kintu na kimwe kikubangamira cogushikira n'aho abantu bo kw'isi yose bogihurizako kugira ngo bakugeramire, kiretse kirya Imana Allah Yamaze kugera kuri wewe ko kigushikira. Ukanizera kandi ko birya vyose bigushikira, Imana Allah Yamaze kuvyandika no kubigera hisunzwe intumbero nziza Ifise ku biremwa, n'ubumenyi bwayo bukikuje vyose, nta gihinduka rero mu vyo Imana Allah Yamaze kwandika.فوائد الحديث
Akamaro k'ukwigisha abana bakiri bato ivyerekeye idini, mu bijanye n'ukwemera Imana Imwe Rudende n'urupfasoni rw'ikislamu, n'ibindi bitari ivyo.
Impera ku Mana Allah yisunga ubwoko bw'igikorwa.
Kubwiriza abantu ko bishimikiza Imana Allah, n'uko ata n'ikindi kintu gikwiye kwishimikizwa mu gishingo cayo, kuko Imana Allah ari Yo Mwiza w'ukwishimikizwa.
Ukwemera ivyagezwe n'ishirwa mu ngiro ryavyo, hamwe rero no kuvyishimira mu kuvyakira ata kwidoga, kuko Imana Allah Yamaze kugera ibintu vyose.
Uwiyobagiza amabwirizwa y'Imana Allah mu kutayubahiriza, Imana Allah Iraheza Ikamureka akazimira, eka ntinamuzigama ngo Imubungabunge.
