Uwufise Qor'ani mu mutwe, ku musi w'izuka azobwirwa ati: "Soma maze udugirizwe icubahiro, uheze usome neza mu bwitonzi nta ngere nka kurya wahora usoma kw'isi, mu vy'ukuri urugero rw'icubahiro cawe, rugarukira kuri Aayah ya nyuma usoma

Uwufise Qor'ani mu mutwe, ku musi w'izuka azobwirwa ati: "Soma maze udugirizwe icubahiro, uheze usome neza mu bwitonzi nta ngere nka kurya wahora usoma kw'isi, mu vy'ukuri urugero rw'icubahiro cawe, rugarukira kuri Aayah ya nyuma usoma

Mu vyakiriwe na Abdullahi mwene Amri (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Uwufise Qor'ani mu mutwe, ku musi w'izuka azobwirwa ati: "Soma maze udugirizwe icubahiro, uheze usome neza mu bwitonzi nta ngere nka kurya wahora usoma kw'isi, mu vy'ukuri urugero rw'icubahiro cawe, rugarukira kuri Aayah ya nyuma usoma"".

[حسن] [رواه أبو داود والترمذي والنسائي في الكبرى وأحمد]

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) arigana ko umusomyi wa Qor'ani, agendera ibirimwo akabishira mu ngiro, akama yayisomye akanayifata ku mutwe, igihe yinjiye mu Bwami bw'ijuru, azobwirwa ati: Soma Qor'ani, uheze udugirizwe icubahiro mu vyubahiro vyo mu Bwami bw'ijuru hakurikijwe urugero rw'ivyo usoma, maze rero uyisome neza nka kurya wahora uyisoma mu bwitonzi nta ngere; kuko mu vy'ukuri urugero rw'iduzwa ry'icubahiro cawe, ruza kugera kuri Aayah ya nyuma usoma.

فوائد الحديث

Impera yisunga itunganywa neza n'igitigiri c'ibikorwa.

Ihimirizwa ryo gusoma Qor'ani, ubuhinga bwo kuyisoma, ukuyifata ku mutwe, hamwe rero no kuzigama insiguro yayo hamwe no kuyigendera mu kuyishira mu ngiro.

Ubwami bw'ijuru, burafise ingero n'ivyubahiro vyinshi bigenda bisumbasumbana, abahawe Qor'ani ni bo bazohabwa ivyubahiro vyo hejuru yavyo.