Ewe Mana yanje Nzima! Ntuzogire imva yanje kuba ahantu hasengerwa ibigirwamana

Ewe Mana yanje Nzima! Ntuzogire imva yanje kuba ahantu hasengerwa ibigirwamana

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), aho yakiriye inyigisho ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aho yavuze ati: "Ewe Mana yanje Nzima! Ntuzogire imva yanje kuba ahantu hasengerwa ibigirwamana; kuko Imana Allah Yavumye abantu bagize imva z'Abavugishwamana babo kuba imisigiti".

[صحيح] [رواه أحمد - رواه مالك]

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yasavye Imana yiwe Rurema Allah, ko Itoreka imva yiwe ngo ibe nk'ikigirwamana gisengwa n'abantu mu kuyubaha bayininahaza no mu kuyitumbera bayubamira. Hanyuma (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aca asigura ko Imana Allah Yavumye mu kwirukana mu mpuhwe zayo, uwo wese yagize imva z'Abavugishwamana kuba imisigiti; kuko guhindura nya mva zikaba imisigiti bituma abantu bazigira ibigirwamana mu kuzitumbera mu vyo bakora no mu kwemera ko zica zigakiza.

فوائد الحديث

Ukurenga imbibe z'amabwirizwa y'ubwislamu ku vyerekeye imva z'Abavugishwamana n'iz'aberenda, bituma nya mva zisengwa mu gishingo c'Imana Allah, ni ngombwa rero kwiyubara ivyotuma haba ibangikanyamana.

Ntibirekuwe gutumbera imva mu kuzubaha no mu kuzikorerako ibikorwa nyegerezamana n'aho nyene iyo mva yoba ari iy'umweranda atonye cane ku Mana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere.

Kirazira kikaziririzwa kwubaka imisigiti ku mva.

Kirazira kikaziririzwa gusengera ku mva n'aho umuntu atoyubakako umusigiti, kiretse gusa mu gihe ikiziga coba cahambwe kidasengewe.