Imana Allah Yanditse ivyagezwe ku biremwa vyose imbere y'iremwa ry'amajuru n'isi ku myaka ibihumbi mirongo itanu

Imana Allah Yanditse ivyagezwe ku biremwa vyose imbere y'iremwa ry'amajuru n'isi ku myaka ibihumbi mirongo itanu

Mu vyakiriwe na Abdillaahi mwene Amri mwene Al'Aasw (Imana Allah Ibishimire bompi), yavuze ati: "Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti: "Imana Allah Yanditse ivyagezwe ku biremwa vyose imbere y'iremwa ry'amajuru n'isi ku myaka ibihumbi mirongo itanu, maze ica ivuga iti: "Ico gihe Ubuhangamo bwayo "Arshi" bwari hejuru y'amazi""".

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratwiganira ko Imana Allah Yanditse ido n'ido y'ibizoba mu vyagezwe ku biremwa vyose, ubuzima n'ugupfa kwavyo hamwe n'ibizobibeshaho mu buzima, n'ibindi bitari ivyo, ivyo vyose rero bikaba vyaramaze kwandikwa ku kibaho kibungabunzwe "Lawhu l-mahfuudh" imbere y'iremwa ry'amajuru n'isi ku myaka ibihumbi mirongo itanu, kandi bikaba bizoshika hisunzwe indinganizo y'ivyagezwe n'Imana Allah; ikintu ico ari co cose rero kibaye, kiba hisunzwe ivyagezwe n'Imana n'ishirwa mu ngiro ryavyo; burya igishikiye umuntu kikamwagira, ntikiba comuhusha namba ngo kimurengane, ni nk'uko n'ikimuhushije ntikimushikire, ntikiba comushikiye namba ngo kimwagire.

فوائد الحديث

Ni ngombwa kwemera ivyagezwe n'ishirwa mu ngiro ryavyo.

Ijambo "Al-qadar", risigura ivyagezwe, ni birya bintu vyose bizwi n'Imana Allah, mu kuba vyaranditswe ku bushake bwayo no mu kuba Yarabiremye bikabaho.

Ukwemera ko ivyagezwe vyanditswe imbere y'iremwa ry'amajuru n'isi, bigirira akamaro umuntu mu gushimishwa n'ibimushikiye maze akavyakirana umutima mwiza ata kwidoga.

Ukwemera ko Ubuhangamo "Al'Arshi" bwa Nyenimpuhwe bwari hejuru y'amazi imbere y'iremwa ry'amajuru n'isi.