إعدادات العرض
Iciza, ni umuntu kurangwa n'imigenzo myiza; igicumora na co, ni kirya giteye amadidane mu gikiriza cawe, ukanka n'uko abantu bomenya ko wagikoze
Iciza, ni umuntu kurangwa n'imigenzo myiza; igicumora na co, ni kirya giteye amadidane mu gikiriza cawe, ukanka n'uko abantu bomenya ko wagikoze
Mu vyakiriwe na Al-Nawwaasi mwene Sim'aani Al-Answaariy (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narigeze kubaza Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ku bijanye n'iciza n'igicumuro, ivyo ari vyo, ica yishura iti: "Iciza, ni umuntu kurangwa n'imigenzo myiza; igicumora na co, ni kirya giteye amadidane mu gikiriza cawe, ukanka n'uko abantu bomenya ko wagikoze"".
الترجمة
العربية বাংলা Bosanski English Español فارسی Indonesia Tagalog Türkçe اردو 中文 हिन्दी Français Hausa Kurdî Português සිංහල Русский Nederlands Tiếng Việt অসমীয়া ગુજરાતી Kiswahili پښتو മലയാളം नेपाली Magyar ქართული తెలుగు Македонски Svenska Moore Română Українська ไทย ಕನ್ನಡ मराठी ਪੰਜਾਬੀ دری አማርኛ ភាសាខ្មែរ Lietuvių O‘zbek Malagasy Yorùbá தமிழ் Azərbaycan Oromoo Wolof Čeština Кыргызча Kinyarwanda Српски Shqip тоҷикӣ ms Deutsch kmrالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarabajijwe ku vyerekeye iciza n'ikibi, ivyo ari vyo, aca avuga yishura ati: Igihambaye mu biranga iciza, ni umuntu kurangwa n'imigenzo myiza ku Mana Allah, ibonekera mw'igamburukiramana, hamwe no kurangwa n'imigenzo myiza ku bantu, ibonekera mu kwihanganira ibangamira ryabo, gushavura gake kabaho, gushwashwanuka mu maso, kuyaga amajambo meza, kwunga ubuvandimwe, kwumvira Imana Allah, kugira impuhwe n'ubugwaneza, kubana neza n'abandi. Nayo igicumuro, ni kirya wumva gihehera mu mushaha mu bintu bitera amazinda, maze kikaguma kikuryohereza kugikora ariko umutima ukakwankira, ukagumana amakenga n'ubwoba butewe n'ukwiyumvamwo ko kugikora ari igicumuro, ukanka n'ukukigaragariza abantu kuko giteye isoni ku bantu bisoneye, b'intungane, ivyo bigaterwa n'uko muri kamere k'umuntu, akunda kugaragariza abantu ivyiza akora, bishitse rero ko yanka ko bimwe mu vyo akora bigaragara, abantu bakabimenya, iyo rero umuntu yanse ko bimwe mu vyo akora bigaragara ku bantu bakabimenya, ico kiba ari igicumuro, nta ciza namba kiba kirimwo.فوائد الحديث
Uguhimiriza abantu kurangwa n'imigenzo myiza; kuko ukurangwa n'imigenzo myiza kiri mu bihamabaye biranga ivyiza.
Ukuri n'ikinyoma, ntivyigera vyitiranwa ngo umwemeramana ananirwe kubitandukanya, ahubwo araheza akamenya ukuri yisunze umuco uri mu mushaha wiwe, akanahunga ikinyoma akaciyamiriza.
Biri mu bimenyetso vyerekana ko ikintu ari igicumuro, kudatekanirwa ku mutima igihe c'ukugikora, hamwe n'ukwanka ko abantu bamenya ko wagikoze.
Al-Sindiy yavuze ati: "Iyi ngingo yerekeye ibintu biteye amazinda, ari na vyo abantu badaheza ngo bamenye ico bohitamwo muri vyo (ku kutamenya ikiziruye canke ikizira muri vyo); ahandi ho bitagenze ukwo, igitegetswe mu mabwirizwa ata cemezo kigaragara gifise, kikaba kitari no muri ivyo bizindanye, kiba ari iciza; ikibujijwe gukora na co, kiba ari igicumuro nk'uko nyene; ntibinakenewe rero (mu gukora igitegetswe no mu kureka ikibujijwe), kubanza kubaza umutima no kuronka ituze ryawo".
Ababwirwa muri iyi nyigisho y'intumwa, ni barya bantu bose barangwa n'ukuba bakigendera imigenzo-ndemanwa itaratituka, si barya bafise imitima yakebanye itazi iciza ngo igihurumbire, eka ntimenye n'ikibi ico ari co kiretse birya yonkejwe n'ivyipfuzo vy'umushaha wiwe.
Al-Twayyibiy yavuze ati: "Mu gusigura iciza "al-birru" kivugwa muri iyi nyigisho, haratanzwe insiguro zitandukanye, hari ahatanzwe insiguro yuko ari kirya kintu umuntu akora atekaniwe ku mutima; hari n'ahandi hatanzwe insiguro yuko ari ukwemera, hakaba n'ahandi casiguwe ko ari kirya kintu kikwegereza ku Mana Allah, ng'aha naho kikaba casiguwe ko ari umuntu kurangwa n'imigenzo myiza; imigenzo myiza ivugwa ng'aho, ni umuntu kwihanganira ibangamira ry'abantu, ugushavura gake gashoboka, gushwashwanuka mu maso hamwe n'ukuvuga amajambo meza. Izi nsiguro zose rero uziravye, ziregeranye mu co zishaka gushikako.
