إعدادات العرض
Reka gukora ibiguteye amakenga, maze utandukire gukora ibitaguteye amakenga; kuko mu vy'ukuri, ukuri kujana n'ituze ry'umushaha, ni ukuri n'ikinyona nyene kijana n'ukugira amakenga
Reka gukora ibiguteye amakenga, maze utandukire gukora ibitaguteye amakenga; kuko mu vy'ukuri, ukuri kujana n'ituze ry'umushaha, ni ukuri n'ikinyona nyene kijana n'ukugira amakenga
Mu vyakiriwe na Abu Al-Hawraa-i Al-Sa'diy yavuze ati: "Narabwiye Hasani mwene Ali (Imana Allah Ibishimire bompi) nti: "Ni ibiki wafashe ku mutwe wavyumvise ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah)?", aca yishura avuga ati: "Nafashe ku mutwe mu vyo numvise ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) inyigisho ivuga iti: "Reka gukora ibiguteye amakenga, maze utandukire gukora ibitaguteye amakenga; kuko mu vy'ukuri, ukuri kujana n'ituze ry'umushaha, ni ukuri n'ikinyona nyene kijana n'ukugira amakenga"".
الترجمة
العربية বাংলা Bosanski English Español فارسی Français Indonesia Русский Tagalog Türkçe اردو 中文 हिन्दी ئۇيغۇرچە Hausa Kurdî Português සිංහල Nederlands অসমীয়া Tiếng Việt Kiswahili ગુજરાતી پښتو Română മലയാളം नेपाली Deutsch Кыргызча ქართული Moore Magyar తెలుగు Svenska Македонски ಕನ್ನಡ Українська አማርኛ Kinyarwanda Oromoo ไทย Lietuvių Српски मराठी ਪੰਜਾਬੀ دری Malagasy ភាសាខ្មែរ O‘zbek தமிழ் Azərbaycan Wolof Čeština Shqip тоҷикӣ ms kmrالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarategetse ko igiteye amakenga mu majambo no mu bikorwa mu kuba kirekuwe canke kibujijwe, canke mu kuba kiziruye canke kizira, umuntu akireka maze agatandukira gukora ikitamuteye amakenga mu bintu azi neza ko ari vyiza kandi birekuwe; kubera ko umutima w'umuntu utekana mu kubikora; ibiteye amakenga na vyo mu kubikora umutima wiwe ukazindanirwa.فوائد الحديث
Ni ngombwa ku mwislamu, ko yubakira ivyo akora ku bumenyi buzira amakenga, gutyo akareka gukora ibimuteye amakenga, maze mu vyerekeye idini ryiwe akama yagavye.
Ukubuza umuntu kugwa mu biteye amazinda "shubuhaati".
Niwashaka gutekanirwa n'ukuruhuka ku mutima, urareka gukora ibiguteye amakenga maze uvyirinde mu kuvyigira kure.
Impuhwe z'Imana Allah ku baja bayo mu kuba Yabategetse ibibaruhura bigatuma batekana ku mutima, no mu kuba Yababujije gukora ibibajuragiza bikabazazanira.
التصنيفات
Divergence and Preponderance