Ntugashavure

Ntugashavure

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko hari umuntu yasavye Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) amubwira ati: "Mpanura ico nogenderako nk'iragi". Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yamubwiye ati: "Ntugashavure". Uyo muntu rero yarasubiyemwo ico kibazo incuro nyinshi, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) na we aguma amusubiriramwo ya nyishu nyene ati: "Ntugashavure".

الشرح

Umwe mu ngendanyi (Imana Allah Izishimire) yasavye Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ko yomubwira ikintu yoheza akagendera, maze kikamugirira akamaro mu buzima, aca amutegeka ko atotwarwa n'ishavu, ivyo bikaba bifise insiguro ko yokwirinda ibituma umuntu ashavura, maze akigumya igihe cose hagize icotuma ashavura, agaheza rero akareka kuguma ashavuye ngo agere ingere ku yindi yihora mu kwica, canke mu gukubita, canke mu gutukana, n'ibindi nk'ivyo. Nya muntu rero yagumye asubiramwo kenshi mu gusaba impanuro yogendera nk'iragi, maze Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) na we ntiyahejeje ngo arenzeko na kimwe ku nyishu yari yamuhaye, yashishikaye kumuha nya mpanuro nyene ati: "Ntugashavure".

فوائد الحديث

kwihaniza ko umuntu atwarwa n'ishavu akirinda n'ivyotuma yoshavura; kuko ivyo ari yo nyendamuvano y'inabi zose, ukwirinda ishavu na vyo bikaba ari yo nkomoko y'ineza zose.

Ugushavura ku bw'Imana Allah igihe hahonyanzwe amabwirizwa yayo, biri mu gushavura kwiza gukenewe.

Ugusubiramwo kenshi amajambo iyo bikenewe, bifasha uwubwirwa kwumva no gutahura agaciro k'amajambo abwiwe.

Ivyiza biri mu gusaba umumenyi impanuro umuntu yogendera mu buzima nk'iragi.