Iciza cose umuntu akoze, agihemberwa indishi y'imperezwa

Iciza cose umuntu akoze, agihemberwa indishi y'imperezwa

Mu vyakiriwe na Jaabiri mwene Abdullahi (Imana Allah Ibishimire bompi), yakiriye ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aho yavuze ati: "Iciza cose umuntu akoze, agihemberwa indishi y'imperezwa".

[صحيح] [رواه البخاري من حديث جابر، ورواه مسلم من حديث حذيفة]

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko igikorwa cose c'ubugwaneza gifise ico kimariye abandi, haba mu mvugo canke mu ngiro, kiba ari imperezwa ku wagikoze, araheza rero akagihemberwa indishi.

فوائد الحديث

Imperezwa ntigizwe gusa n'ivyo umuntu atanga mu matungo yiwe, ahubwo ihurikiyemwo iciza ico ari co cose umuntu akoze canke avuze, maze kikagirira akamaro abandi.

Harimwo ugukundisha abantu gutanga ivyiza, no gukora kirya cose gifise ico kimariye abandi.

Kudakengera ikintu na kimwe mu vyiza n'aho koba ari akantu gato.

التصنيفات

Merits of Good Deeds