Uwufise inguvu n'imirya koko, si urya azi gukubitana imyereka, mu vy'ukuri uwufise inguvu n'imirya koko, ni urya yigumya igihe ashavuye, ntaheze ngo ashire aho ishavu rishize

Uwufise inguvu n'imirya koko, si urya azi gukubitana imyereka, mu vy'ukuri uwufise inguvu n'imirya koko, ni urya yigumya igihe ashavuye, ntaheze ngo ashire aho ishavu rishize

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Uwufise inguvu n'imirya koko, si urya azi gukubitana imyereka, mu vy'ukuri uwufise inguvu n'imirya koko, ni urya yigumya igihe ashavuye, ntaheze ngo ashire aho ishavu rishize".

[صحيح] [متفق عليه]

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratomora ko inguvu nyazo atari inguvu z'umubiri n'imirya, canke ko atari urya muntu ashoboye gukubita umwereka uwundi mu bafise inguvu n'imirya, maze akamunaga hasi, ariko ko uwufise inguvu n'mirya ari urya ashoboye kwigumya akaganza umutima wiwe igihe ashavuye; ico kikaba ari icemezo c'uko ashoboye kwigumya mu kudashira aho ishavu rishize, n'uko ashoboye kandi gutsinda inyosha mbi za shetani.

فوائد الحديث

Akamaro k'ubwitonzi n'ukwigumya igihe c'ishavu, n'uko ico kiri mu bikorwa vyiza ubwislamu buhimiriza.

Kurwana n'umutima mu gutsinda ishavu, biragoye kuruta kurwana n'umwansi.

Ityorora ry'insiguro y'umuntu kurangwa n'inguvu mu kuba iyo nsiguro mu bwislamu ijana n'umuntu kurangwa n'imigenzo myiza, ikaba ari insiguro itandukanye n'iyahoze yisungwa igihe c'iyemera ry'ibintazi (c'ubujuju bwo kutamenya ubwislamu) "jaahiliyya", burya uwufise inguvu n'imirya gusumba abandi, ni urya ashoboye kwigumya mu gutsinda ishavu.

Umuntu yokwirinda gushavura; kuko ugushavura bitera ingaruka mbi ku bantu no mu kibano.

التصنيفات

Praiseworthy Morals