Umuriro wanyu mukoresha kw'isi, ni igice kimwe mu bice mirongo indwi vy'umuriro wa Jahannamu

Umuriro wanyu mukoresha kw'isi, ni igice kimwe mu bice mirongo indwi vy'umuriro wa Jahannamu

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Umuriro wanyu mukoresha kw'isi, ni igice kimwe mu bice mirongo indwi vy'umuriro wa Jahannamu". Hari uwaciye abaza ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Umuriro wo kw'isi dukoresha, ni ukuri urakwiye kuba woturira ibintu bigahona". Yaciye imwishura iti: "Uwo muriro mubona rero, urushwa ubukazi n'umuriro wa Jahannamu ku bice mirongo itandatu n'icenda, igice kimwe cose muri vyo gifise ubushuhe nk'ubw'uwu muriro wanyu mubona"".

[صحيح] [متفق عليه]

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aravuga ko umuriro ukoreshwa kw'isi ari igice kimwe mu bice mirongo indwi vy'umuriro wa Jahannamu; burya umuriro wo mu buzima bw'inyuma yo gupfa, ubukazi bw'umwokero wawo burusha ubukazi umwokero w'umuriro wo kw'isi ku bice mirongo itandatu n'icenda, igice kimwe cose muri vyo kikaba gifise ubukazi bw'umwokero bungana n'ubw'umuriro wo kw'isi. Hari uwaciye abaza avuga ati: Ewe Ntumwa y'Imana! Ni ukuri umuriro wo kw'isi urakwiye kuba wohana ugahasha abawinjiyemwo. Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica yishura iti: Burya umuriro wa Jahannamu wongererejwe ubukazi busumba ubw'umuriro wo kw'isi, ku bice mirongo itandatu n'icenda, kimwe cose muri vyo kinganya ubukazi n'umuriro wo kw'isi.

فوائد الحديث

Kugabisha abantu ku bijanye n'umuriro kugira birinde gukora ibikorwa vyotuma bawinjira.

Ubukazi buhambaye bw'umuriro wa Jahannamu n'umwokero wawo.