إعدادات العرض
Ikintu cose kibaye kiba caragezwe, n'aho bwoba ari ububegito n'ubukerebutsi, kibure ubukerebutsi n'ububeguto
Ikintu cose kibaye kiba caragezwe, n'aho bwoba ari ububegito n'ubukerebutsi, kibure ubukerebutsi n'ububeguto
Mu vyakiriwe na Twaawusi yavuze ati: "Narahuye n'abantu mu ngendanyi z'Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) bavuga ko ikintu cose kibaye kiba caragezwe", aca yongera avuga ati: "Narumvise na Abdillaahi mwene Omari (Imana Allah Ibishimire bompi) avuga ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Ikintu cose kibaye kiba caragezwe, n'aho bwoba ari ububegito n'ubukerebutsi, kibure ubukerebutsi n'ububeguto"".
الترجمة
العربية English မြန်မာ Svenska Čeština ગુજરાતી Yorùbá Nederlands اردو Español Bahasa Indonesia ئۇيغۇرچە বাংলা Bosanski සිංහල हिन्दी Tiếng Việt Hausa മലയാളം తెలుగు Kiswahili پښتو অসমীয়া Shqip دری Ελληνικά Български Fulfulde ಕನ್ನಡ Кыргызча Lietuvių Română Kinyarwanda Српски тоҷикӣ O‘zbek नेपाली Moore Kurdî Soomaali Français Wolof Azərbaycan Tagalog Українська தமிழ் Bambara Deutsch ქართული Português Македонски Magyar فارسی Русский 中文 ភាសាខ្មែរ Malagasy Oromoo ไทย मराठी ਪੰਜਾਬੀ Türkçe Lingala Italiano አማርኛ Danskالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratomoye yerekana ko ikintu ico ari co cose kibaye kiba caragezwe; n'aho bwoba ari ububegito, na bwo bukaba ari ukureka gukorera ivyategerezwa gukorerwa ku mwanya mu vyerekeye ubuzima bwo kw'isi n'ubw'inyuma yo gupfa, maze umuntu akama yiteza utunyoni ngo umwaya uracariho, akizemanza ngo mpava ndabikora mu kandi kanya. Eka n'aho bwoba ari ubukerebutsi, na bwo bukaba ari ukubanguka mu gutunganya neza ivyerekeye ubuzima bwo kw'isi n'ubw'inyuma yo gupfa. Yaranatomoye ko Imana Allah Yamaze kugera ububegito n'ubukerebutsi mu vyo abantu bakora, eka mbere Yaramaze kugera ikintu cose gishika mu buzima, nta kiba rero mu buzima kiretse ko Imana Allah Yamaze kumenya no gushaka ko kizoba.فوائد الحديث
Kwerekana ukwemera kw'ingendanyi (Imana Allah Izishimire) ku bijanye n'ivyagezwe.
Ikintu cose gishika kiba caragezwe n'Imana Allah, n'aho bwoba ari ububegito canke ubukerebutsi.
Umwitwarariko n'ukwiyubara kw'ingendanyi (Imana Allah Izishimire) mu kwakira no mu gushikiriza inyigisho zashikirijwe n'Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah).
Ukwemera ivyagezwe vyose, vyaba ari ivyiza canke ibibi.
