إعدادات العرض
Ba mureka kumbazagiza igihe cose nzoba ata co nshimye kuba nobabwira; ni ukuri icatumye abo hambere yanyu bahanwa bagahona, kwari ukubazagiza n'ukudahuza mu guhazana ku vyo Abigishwa n'Abavugishwamana barungikiwe
Ba mureka kumbazagiza igihe cose nzoba ata co nshimye kuba nobabwira; ni ukuri icatumye abo hambere yanyu bahanwa bagahona, kwari ukubazagiza n'ukudahuza mu guhazana ku vyo Abigishwa n'Abavugishwamana barungikiwe
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati: "Ba mureka kumbazagiza igihe cose nzoba ata co nshimye kuba nobabwira; ni ukuri icatumye abo hambere yanyu bahanwa bagahona, kwari ukubazagiza n'ukudahuza mu guhazana ku vyo Abigishwa n'Abavugishwamana barungikiwe; iyo rero hagize ikintu ndababujije gukora, ba muca mwirinda kugikora; n'iyo hagize ikintu ndabategetse gukora, ba mugikora mwisunze ivyo mushoboye (Uko bibashobokeye kwose)".
الترجمة
العربية বাংলা Bosanski English Español فارسی Français Bahasa Indonesia Русский Tagalog Türkçe اردو 中文 हिन्दी Hausa Kurdî Português සිංහල دری অসমীয়া Tiếng Việt Svenska Yorùbá Кыргызча Kiswahili ગુજરાતી नेपाली Română മലയാളം Nederlands తెలుగు پښتو Soomaali Kinyarwanda ಕನ್ನಡ Српски Moore ქართული Čeština Magyar Українська Македонски Lietuvių Azərbaycan Wolof አማርኛ Malagasy Oromoo ไทย मराठी ਪੰਜਾਬੀ ភាសាខ្មែរ O‘zbek தமிழ் ms тоҷикӣ Shqip Deutschالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ko amabwirizwa y'ubwislamu ari mu mice itatu: amabwirizwa ata co yavuzweko, ibibujijwe gukora hamwe rero n'ibitegetswe gukora. Umuce wa mbere: ni amabwirizwa ata co yavuzweko, ku buryo ata ngingo iyerekeye ihari; ayo akisunga kuba muri kamere k'ibintu ari uko ata bwirizwa ribibuza. igihe c'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), vyari ngombwa ukutabaza ku kintu kitaraba ku kwanka ko hohava hahishurwa ingingo itegeka canke ibuza ko gikorwa, kuko Imana Allah Yakiretse ukwo ata co Ikivuzeko ku kugirira impuhwe ibiremwa. Nayo inyuma y'urupfu rw'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) bikaba birekuwe kubaza, ahubwo mbere ni ngombwa kubaza mu ntumbero yo kumenya ico umuntu yokora ku vyamushikiye canke mu ntumbero yo kwigisha abantu ivyo bakeneye mw'idini. Mu gihe bibaye naho ku mvo zo kubaza ngo bikunde wiyemere canke kwimba mu mizi uwubazwa, ivyo ni vyo bibuzwa muri iyi nyigisho. N’ibi ni kubera ko bishobora gushika umuntu agashikirwa n’ivyashikiye Abanyasirayeri igihe bategekwa kubaga inka; iyo bishika bakabaga iyo ari yo yose batarinze kubazagiza ntibari gushikirwa n’ikigeragezo. Bagumye bashimika mu kubaza na bo baguma bahabwa inyishu z’amananiza. Umuce wa kabiri: ni ibibujijwe gukora, na vyo bikaba ari birya bintu uwuretse kubikora abihemberwa; uwubikoze na we akabihanirwa. Ivyo rero, ni ngombwa kuvyirinda vyose. Umuce wa gatatu: ni ibitegetswe gukora, na vyo bikaba ari birya bintu uwubikoze abihemberwa, uwubiretse na we akabihanirwa. Ivyo rero ni ngombwa ko umuntu abikora yisunze urugero rw'ubushobozi bwiwe.فوائد الحديث
Ni ngombwa ko umuntu yitwararika gukora ibihambaye gusumba ibindi, akareka gukora birya atarakenera muri uwo mwanya, akareka kandi kubazagiza ku bitarashika ngo bibe.
Kirazira kikaziririzwa kubaza ku kintu gishobora gutuma ibibazo biba urusobekerane, no kwugurura umuryango w'ibibazo bitera amazinda bikaba vyotuma haba ukudahuza kenshi mu guhazana mu vyiyumviro.
Ingingo itegeka kureka gukora ibibujijwe, yubahirizwa burundu kandi kuri vyose bibujijwe; kuko ata buremere buri mu kubireka, ni na co gituma rero iyo ngingo yubahirizwa burundu kuri vyose bibujijwe ata kivuyemwo.
Ingingo itegeka gukora ibitegetswe, yubahirizwa hisunzwe urugero rw'ubushobozi bw'umuntu; kuko ukuvyubahiriza burundu ata kivuyemwo, bishobora gutera uburemere canke ukunanirwa kubikora; ni na co gituma rero iyo ngingo yubahirizwa hisunzwe ubushobozi umuntu afise bwo kuyishira mu ngiro.
Ibuzwa ryo kubazagiza : Iryo bazagiza, abamenyi barigabuye mu mice ibiri. Uwa mbere muri iyo: ni ibazagiza ritewe n'imvo z'ukwigisha ibintu nkenerwa mw'idini, iryo rikaba ritegetswe, ni na ryo ryibonekeza kenshi mu kubaza kw'ingendanyi. Uwa kabiri muri iyo mice: ni ibazagiza riba mu ntumbero yo kwihatira kubaza, iri bazagiza rero, ni ryo ribujijwe.
Kwihaniza abantu guca kubiri n'Umuvugishwamana wabo (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) nka kurya vyagendeye imigwi y'abantu bo hambere yabo.
Ukubazagiza ku bintu bidakenewe no guhazana ku vyigishijwe n'Abavugishwamana, ni imvo yo guhonya abantu, na canecane iyo ari mu bintu bidakunda ko umuntu abishikira; nk'ibibazo vyerekeye ibinyegejwe ibiremwa ata n'umwe abizi kiretse Imana Allah, n'ibizoba vyerekeye ibizoba ku musi w'umuhero n'ibizokurikira mu nyuma.
Ibuzwa ryo kubazagiza ku bibazo bigoye. Al-Awzaa'iyyu yavuze ati: "Mu vy'ukuri, iyo Imana Allah Ishatse kwima umuja wayo imigisha y'ubumenyi, Iraheza Ikareka akarimi kiwe kakabaza ibintu bigoye kwishura kandi biremereye. Ni ukuri, abantu benakarimi nkako, nabonye ari bo bantu bafise ubumenyi buke cane". Mwene Wahbi na we yavuze ati: "Narumvise Maliki avuga ati: "Uguharira ku kwiyerekana mu bumenyi, bituma umuntu abura umuco w'ubumenyi mu mutima wiwe".
