Ewe Ntumwa y'Imana! Nta gicumuro eka nta n'icaha rutura kibaho, kiretse ko mu vy'ukuri namaze kugikora. Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yamubajije ati: "None ntiwemera ku mushaha ukatura n'ururimi, wemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Imwe Rudende Allah,…

Ewe Ntumwa y'Imana! Nta gicumuro eka nta n'icaha rutura kibaho, kiretse ko mu vy'ukuri namaze kugikora. Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yamubajije ati: "None ntiwemera ku mushaha ukatura n'ururimi, wemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Imwe Rudende Allah, ukemera n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana?

Mu vyakiriwe na Anasi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: Igihe kimwe haraje umuntu ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: Ewe Ntumwa y'Imana! Nta gicumuro eka nta n'icaha rutura kibaho, kiretse ko mu vy'ukuri namaze kugikora. Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yamubajije ati: "None ntiwemera ku mushaha ukatura n'ururimi, wemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Imwe Rudende Allah, ukemera n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana?". Ico kibazo yagisubiyemwo incuro zitatu. Wa muntu yishura ati: "Ego cane ndavyemera". Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yamubwiye amuhumuriza ati: "Mu vy'ukuri, ukwo kwemera gutuma hababarirwa ibicumuro n'ivyaha".

الشرح

Igihe kimwe haraje umugabo ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga n'ukwihebura n'akantu ati: Ewe Ntumwa y'Imana! Ni ukuri, ndamaze gukora ibicumuro n'ivyaha vyose bibaho, vyaba bitobito canke bikurubikuru, nta na kimwe muri ivyo ntarakora, none ubwo ndashobora kubabarirwa ivyo bicumuro n'ivyaha? Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye amubaza ati: None ntiwemera ku mushaha ukatura n'ururimi, wemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Imwe Rudende Allah, ukemera n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana? Ico kibazo, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yakimusubiriyemwo incuro zitatu, maze nya mugabo aca yishura ata guhigimanga ati: Ego cane ndavyemera. Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) araheza aramutomorera akamaro k'ukwemanga kabiri (k'ukwemera Imana Allah n'Intumwa yayo), aranamuhumuriza ko bituma hababarirwa ibicumuro n'ivyaha, n'uko rero ukwigaya nya kwigaya ku vyaha, bituma umuntu yigaye, adahanirwa ivyaha yakoze imbere y'ukwigaya.

فوائد الحديث

Akamaro k'ukwemera mu kwemanga kabiri "SHAHAADATAANI", n'uko ukwo kwemera kuganza kugahanagura ivyaha; iyo umuntu abivuze mu kuri avyemanga ku mushaha.

Ubwislamu bukingira umuntu kudahanirwa ivyaha yakoze imbere yuko aba umwislamu.

Ukwigaya nya kwigaya, guhanagura ivyaha umuntu yakoze imbere yuko yigaya.

Ugushimangira ikintu (akagisubiramwo kenshi) mu kwigisha, ni bwo buryo bwakoreshwa n'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah).

Akamaro n'ivyiza vy'ukwemera mu kwemanga kabiri, n'uko ari vyo mvo nyamukuru izotuma umuntu azorokoka mu kutaguma mu muriro ibihe bidashira.