إعدادات العرض
Mu vy'ukuri, jewe nzoba ndi ku rugomero ndindiriye gusanganira uwuza kurunywako muri mwebwe. Hari abantu bazobuzwa kunyegera, nce mbaza mvuga nti: "Ewe Mana yanje Rurema! Abo bari mu bankurikiye, bari mu bo narungitsweko
Mu vy'ukuri, jewe nzoba ndi ku rugomero ndindiriye gusanganira uwuza kurunywako muri mwebwe. Hari abantu bazobuzwa kunyegera, nce mbaza mvuga nti: "Ewe Mana yanje Rurema! Abo bari mu bankurikiye, bari mu bo narungitsweko
Mu vyakiriwe na As-maa-u umukobwa wa Abu Bakari (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati: "Mu vy'ukuri, jewe nzoba ndi ku rugomero ndindiriye gusanganira uwuza kurunywako muri mwebwe. Hari abantu bazobuzwa kunyegera, nce mbaza mvuga nti: "Ewe Mana yanje Rurema! Abo bari mu bankurikiye, bari mu bo narungitsweko! Nce nishurwa nti: "Mbega none, woba uzi ivyo bakoze mu nyuma zawe? Kw'izina ry'Imana Allah! Ntibahengeshanije kuguma basubira inyuma nk'ibirenge""".
الترجمة
العربية English မြန်မာ Svenska Čeština ગુજરાતી Yorùbá Nederlands اردو Español Bahasa Indonesia ئۇيغۇرچە বাংলা Bosanski සිංහල हिन्दी Tiếng Việt Hausa മലയാളം తెలుగు Kiswahili پښتو অসমীয়া Shqip دری Ελληνικά Български Fulfulde ಕನ್ನಡ Кыргызча Lietuvių or Română Kinyarwanda Српски тоҷикӣ O‘zbek नेपाली Moore Kurdî Wolof Soomaali Français Azərbaycan Tagalog Українська தமிழ் Bambara Deutsch ქართული Português Македонски Magyar فارسی Русский 中文 ភាសាខ្មែរ Malagasy Oromoo ไทย मराठी ਪੰਜਾਬੀ Türkçe Lingala Italiano አማርኛ Danskالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratomora ko ku musi w'izuka, azoba ari ku rugomero rwiwe kugira arindire abaza bamugana mu bo yarungitsweko; kugira abanyweshe kuri nya rugomero. Hari abantu bari hambavu y'aho (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) azoba ari bazobuzwa kumwegera, aheze avuge ati: Ewe Mana yanje Rurema! Abo bantu bari mu bankurikiye, bari mu bo narungitsweko! Hazoca humvikana ijwi rivuga riti: "Mbega waramenye ivyo bakoze mu nyuma zawe? Kw'izina ry'Imana Allah! Ntibahengeshanije kuguma basubira inyuma nk'ibirenge, maze bava mw'idini ryabo. Abo rero, ntibari mu bagukurikiye, eka ntibari no mu bakurikiye uburongozi bwawe mu bo warungitsweko.فوائد الحديث
Impuhwe z'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ku bantu yarungitsweko, no kubitwararika.
Ububi bwo guca kubiri y'ivyaranze Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu nyigisho no mu migenzo vyiwe.
Guhimiriza abantu gufata nkama no gutsimbatara ku migenzo y'intumwa yaranze Umuvugishw amana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah).
