Mwene Adamu ntibirashika aho yuzuza icombo kibi kuri we coza gisumba inda, birakwiye kuri mwene Adamu rero kuba yokwivuna inzara mu gufungura duke tumubeshaho, vyoba ngombwa ko arenzako mu guhaga, akagenera ica gatatu c'umushishito wiwe imfungurwa, ikindi ca gatatu akakigenera ibinyobwa, ica gatatu…

Mwene Adamu ntibirashika aho yuzuza icombo kibi kuri we coza gisumba inda, birakwiye kuri mwene Adamu rero kuba yokwivuna inzara mu gufungura duke tumubeshaho, vyoba ngombwa ko arenzako mu guhaga, akagenera ica gatatu c'umushishito wiwe imfungurwa, ikindi ca gatatu akakigenera ibinyobwa, ica gatatu gisigaye akagisigira uguhema

Mu vyakiriwe na Al-Miqdaamu mwene Ma'dii Kariba (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti: "Mwene Adamu ntibirashika aho yuzuza icombo kibi kuri we coza gisumba inda, birakwiye kuri mwene Adamu rero kuba yokwivuna inzara mu gufungura duke tumubeshaho, vyoba ngombwa ko arenzako mu guhaga, akagenera ica gatatu c'umushishito wiwe imfungurwa, ikindi ca gatatu akakigenera ibinyobwa, ica gatatu gisigaye akagisigira uguhema"".

[صحيح] [رواه الإمام أحمد والترمذي والنسائي وابن ماجه]

الشرح

Umuvugishwamana w'umugwaneza (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aduhanura kwubahiriza umwe mu mishinge y'ubuvuzi, na wo ukaba ari umuntu gukingira amagara yiwe mu kugabanya imfungurwa, ku rugero rwo gufungura ibimuvuna inzara, agaheza agafungura ibimufasha kurangura ibikorwa nkenerwa, n'uko ikintu kibi cane amuntu yuzuza ari inda yiwe, uravye ingaruka mbi z'uguhaga zigizwe n'indwara zishobora kwiyadukiza zigafata umuntu ubwo nyene canke muri kazoza, zaba izifatira muri we canke izigaragarira ku mubiri. Mu nyuma, Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarahanuye ko bibaye ngombwa ko umuntu ahaga, yopfuma afungura ibingana n'ica gatatu c'umushishito wiwe, ikindi ca gatatu akakigenera ibinyobwa, ica gatatu gisigaye na co akagisigira uguhema; kugira ntatumwatumwe ngo abure ingene ahema, maze ugutumbirwa gutume anebwa ntashobore gukora ivyo yategetswe n'Imana Allah, mu vyo yubahiriza mu bijanye n'idini ryiwe kibure ibijanye n'ivy'isi.

فوائد الحديث

Ukutidagadura akarenza urugero mu gufungura no kunywa. Iki, ni wo mushinge uhurikiyemwo vyose vyerekeye ubuvuzi, kuko uguhaga umuntu akarenza, bitera indwara n'iminihiro myinshi.

Ihangiro ryo gufungura, ni ukubungabunga amagara n'intege bikenewe kugira umuntu atekanirwe mu buzima.

Ukwuzuza inda mu gufungura, bitera ingorane mu mubiri no mw'idini. Omari (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Mwoye (nimwirinde) kwuzuza inda gushika aho mutumbirwa; kuko vyonona umubiri bigatera ubunebwe bwo kudasenga".

Ingingo ijanye no gufungura, iri mu mice itandukanye: hari ugufungura gutegetswe, na kwo kukaba ari kurya gufungura gutuma ubuzima bubungabungwa, kwabura naho kugatuma ubuzima businzikara (bugeramirwa). Ugufungura kurekuwe, na kwo kukaba ari kurya gufungura ibirenze kuri birya bitegetswe bizwi ko kudatera ingaruka mbi ku buzima. Ugufungura kutabereye, na kwo kukaba ari kurya gufungura gushobora gutera impungenge zo kubangamirwa kw'ubuzima.

Ugufungura kuziririjwe ni kurya gufungura bizwi neza ko bitera ingaruka mbi ku buzima. Ugufungura gukundwa, na kwo kukaba ari kurya gufungura ku rugero rufasha umuntu gukora ibikorwa nyegerezamana na nyumviramana. Ivyo vyose rero, iyi nyigisho y'intumwa yabisiguye mu ngero zitatu, urugero rwa mbere: ni ukwuzuza inda. Urugero rwa kabiri: ni ukwivuna inzara ku buryo umuntu abandanya kubaho. Urugero rwa gatatu, ni urwo kwigerera tukaba turusanga mw'ijambo rivuga riti: "akagenera ica gatatu c'umushishito wiwe imfungurwa, ikindi ca gatatu akakigenera ibinyobwa, ica gatatu gisigaye akagisigira uguhema". Ivyo vyose rero, vyubahirizwa ukwo, iyo imfugurwa umuntu afunguye zirekuwe "halaali".

Iyi nyigisho y'intumwa, ni umushinge w'itegeko mu mategeko ngenderwako y'ubuvuzi, kuko ubumenyi bw'ubuvuzi bushingiye ku bintu bitatu: ukubungabunga inguvu z'umubiri, ukwigerera mu vyo ufungura hamwe rero n'ugusohora ibitagikenewe n'umubiri, gutyo iyi nyigisho y'intumwa ikaba yigisha ku bintu bibiri vya mbere muri ivyo bitatu, ni na vyo nyene dusanga muri Aayah, aho Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Ivuga Iti: ﴾Mufungure kandi munywe mu vyiza birekuwe, ariko ntimusesagure mu kurenza urugero. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda abasesagura﴿ (Al-A'raaf: 31).

Itungana ry'amabwirizwa y'ubwislamu, aho dusanga hahurikiyemwo amabwirizwa y'ibintu nkenerwa ku muntu, haba ku bijanye n'idini ryiwe canke ivyerekeye ubuzima bwiwe.

Mu bumenyi bw'ibijanye n'amabwirizwa y'ubwislamu, harimwo imishinge n'amoko y'amategeko y'ubuvuzi; nka kurya hakiriwe inyigisho zigisha ku vyerekeye akamaro k'ubuki n'ak'udutete twirabura bita "Habbat Sawda".

Ingingo z'amabwirizwa y'ubwislamu, zihurikiyemwo ibituma umuntu amenya imvo n'imvano bimushikana ku kuri mu mvugo n'ingiro, zikaba kandi zubakiye kw'ihangiro ryo gukingira abantu ibibononera hamwe rero no kubashikana ku bintu nkenerwa bibafitiye akamaro.

التصنيفات

Condemning Whims and Desires