إعدادات العرض
Nta muntu n'umwe aragizwa n'Imana Allah gutunganiriza abantu ku kintu na kimwe, bigashika agapfa umusi yageneweko, uwo musi agapfa yahora akoresha urwenge mu guhenda abo yaragijwe, kiretse ko Imana Allah Yamaze kuziririza kuri we ko azokwnjira mu Bwami bw'ijuru
Nta muntu n'umwe aragizwa n'Imana Allah gutunganiriza abantu ku kintu na kimwe, bigashika agapfa umusi yageneweko, uwo musi agapfa yahora akoresha urwenge mu guhenda abo yaragijwe, kiretse ko Imana Allah Yamaze kuziririza kuri we ko azokwnjira mu Bwami bw'ijuru
Mu vyakiriwe na Ma'qili mwene Yasaari Al-Muzaniy (Imana Allah Imwishimire), yavuze ati: "Mu vy'ukuri, narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti: "Nta muntu n'umwe aragizwa n'Imana Allah gutunganiriza abantu ku kintu na kimwe, bigashika agapfa umusi yageneweko, uwo musi agapfa yahora akoresha urwenge mu guhenda abo yaragijwe, kiretse ko Imana Allah Yamaze kuziririza kuri we ko azokwnjira mu Bwami bw'ijuru"".
الترجمة
العربية বাংলা Bosanski English Español فارسی Français Indonesia Русский Tagalog Türkçe اردو 中文 हिन्दी Kurdî Hausa Português മലയാളം తెలుగు Kiswahili தமிழ் မြန်မာ Deutsch 日本語 پښتو Tiếng Việt অসমীয়া Shqip Svenska Čeština ગુજરાતી Yorùbá Nederlands ئۇيغۇرچە සිංහල دری Fulfulde Magyar ಕನ್ನಡ Кыргызча Lietuvių or Română Kinyarwanda Српски O‘zbek Moore नेपाली Wolof Soomaali Български Українська Azərbaycan ქართული Bambara тоҷикӣ Македонски Ελληνικά ភាសាខ្មែរ አማርኛ Malagasy Oromoo ไทย मराठी ਪੰਜਾਬੀ Lingala Italiano Akan Yao kmrالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko umuntu wese, Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yashinze amabanga yo gutunganiriza abantu ku kintu ico ari co cose yaragijwe, yaba ari amabanga yo ku rwego rwo hejuru yo gutunganya vyose; nko kuba indongozi nkuru mu Gihugu "Amiir", canke amabanga bwite; nko kuba umugabo mu rugo rwiwe, n'umugore mu nzu yiwe, hanyuma agatirigana mu kutubahiriza agateka k'abo ajejwe, agakoresha urwenge mu kubahenda, atemera no guhanurwa, maze akirengagiza kwubahiriza agateka kabo mu bijanye n’idini no mu bijanye n'ivy'isi, ko uwo muntu akwiye kuzohabwa igihano gikaze.فوائد الحديث
Iri sezeranirwa ry'igihano, ntiriraba gusa indongozi nkuru mu Gihugu "Imaamu canke Amiiri" hamwe n'abunganizi babo, ahubwo nyabuna iraba barya bose hari ico baragijwe n'Imana Allah ku rwego urwo ari rwo rwose.
Igitegetswe ku muntu wese hari ico yaragijwe ategerezwa gutunganiriza abislamu, ni uko yemera impanuro bamuhaye, akita ku rutare mu gushitsa imbitso yo kubatunganiriza ata nkunzi, akirinda no kubahemukira.
Ibanga rihambaye, ribangirwa ingata kuri urya wese hari ico yaragijwe, haba mu mabanga rusangi yo ku rwego rwo hejuru mu Gihugu canke ku rwego bwite, yaba ari amabanga manini ahambaye canke mato asanzwe.
التصنيفات
Shariah-approved Politics