Uwo wese arahiye ku kitari Imana Allah, ni ukuri aba agararije canke abangikanije

Uwo wese arahiye ku kitari Imana Allah, ni ukuri aba agararije canke abangikanije

Mu vyakiriwe na Mwene Omari (Imana Allah Ibishimire bompi we hamwe na se wiwe mwene Al-Khattwaab), yavuze ko yumvise umuntu avuga ati: "Eka ndarahiye kw'izina rya Al-Ka'ba!". Mwene Omari aca avuga ati: "Ntukarahire ku kitari Imana Allah; kuko narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti: "Uwo wese arahiye ku kitari Imana Allah, ni ukuri aba agararije canke abangikanije"".

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aramenyesha ko umuntu uwo ari we wese arahiye ku kitari Imana Allah, ku mazina no ku matazirano atari ay'Imana Allah, aba agararije canke abangikanije Imana Allah; kuko ukurahira ku kintu gushingiye ku cubahiro nta ngere ca nya kintu, icubahiro nta ngere na co kikaba gikwiye gusa Imana Allah Yonyene, ntibirekuwe rero kurahira kiretse gusa ku Mana Allah, ku mazina no ku matazirano yayo. Ukwo kurahira ku kitari Imana Allah, guharurwa rero mw'ibangikanyamana rito (Iryo ntirikura umuntu mu bwislamu); ariko rero iyo uwurahira arahiye ku kintu yemanga ko gifise icubahiro nta ngere gihabwa Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere canke kikirengeye, muri ico gihe ukurahira ku kitari Imana Allah guharurwa mw'ibangikanyamana rikuru (Iryo na ryo rikaba rikura umuntu mu bwislamu).

فوائد الحديث

Uguhabwa icubahiro nta ngere mu kurahira, ni agateka kubahirizwa gusa ku Mana Allah Nyenukuninahazwa, Nyenuguhabwicubahiro nta ngere. Ntibirekuwe rero kurahira kiretse gusa ku Mana Allah, ku mazina no ku matazirano yayo.

Ingendanyi zarahurumbira na ntaryo kubwiriza gukora ivyiza no kubuza gukora ibibi, na canecane mu gihe nya bibi bifitaniye isano n'ibangikanyamana canke igarariza.