Amasengesho atanu asengwa ku musi ku musi, isengesho ry'ijuma gushika ku rindi ryo mu ndwi ikurikira, ipfunga rya Ramadhani gushika ku rindi ryo mu mwaka ukurikira; ivyo vyose biba icuhagizo c'ibicumuro bikorwa hagati ya kimwe n'ikindi, iyo umuntu yirinze kugwa mu vyaha rutura

Amasengesho atanu asengwa ku musi ku musi, isengesho ry'ijuma gushika ku rindi ryo mu ndwi ikurikira, ipfunga rya Ramadhani gushika ku rindi ryo mu mwaka ukurikira; ivyo vyose biba icuhagizo c'ibicumuro bikorwa hagati ya kimwe n'ikindi, iyo umuntu yirinze kugwa mu vyaha rutura

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'imana Allah) yahora ivuga iti: "Amasengesho atanu asengwa ku musi ku musi, isengesho ry'ijuma gushika ku rindi ryo mu ndwi ikurikira, ipfunga rya Ramadhani gushika ku rindi ryo mu mwaka ukurikira; ivyo vyose biba icuhagizo c'ibicumuro bikorwa hagati ya kimwe n'ikindi, iyo umuntu yirinze kugwa mu vyaha rutura".

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) arigana mu kwerekana ko amasengesho atanu ategetswe gusengwa ku musi ijoro n'umurango, isengesho ry'ijuma risengwa ku ndwi ku ndwi, ugupfunga Ramadhani ku mwaka ku mwaka, kimwe cose muri ivyo kiba icuhagizo gihanagura ivyaha bitobito (hamwe n'ibicumuro) bikorwa mu kiringo kiri hagati yavyo, iyo umuntu yirinze gukora ivyaha rutura. Nayo rero ivyaha rutura; nko gusambana no kunywa inzoga, ntibibabarirwa umuntu atabanje kwigaya akabisabira imbabazi.

فوائد الحديث

Mu vyaha (ibicumuro), harimwo bitobito hakabamwo na rutura.

Ibabarirwa ku vyaha bitobito, risaba ko umuntu yirinda gukora ivyaha rutura.

Ivyaha rutura, ni birya vyaha vyagenewe igihano nyezina gihabwa uwagikoze kw'isi, canke agasezeranirwa kugihanirwa mu buzima bw'inyuma yo gupfa, canke kugirirwa umwikomo n'Imana Allah, canke hakihanizwa canke hakavumwa uwobikora; nk'icaha co gusambana no kunywa inzoga.