إعدادات العرض
Uwo wese arangiye abantu iciza bakora, araheza agahabwa impera nk'irya nyene uwakoze nya ciza aronka
Uwo wese arangiye abantu iciza bakora, araheza agahabwa impera nk'irya nyene uwakoze nya ciza aronka
Mu vyakiriwe na Abu Mas'uudi Al-Answaariy (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Hari umugabo umwe yigeze kuza ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: "Mu vy'ukuri, igitwazi nahora nikorako kikanderura carapfuye, enda rero ndagusabe ko umpa igitwazi coza kiranderura". Maze aca amwishura ati: "Nta gitwazi mfise noguha". Niho umugabo umwe mu bari ng'aho yaca avuga ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Jewe nomurangira uwomuha igitwazi kimurerura". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica ivuga iti: "Uwo wese arangiye abantu iciza bakora, araheza agahabwa impera nk'irya nyene uwakoze nya ciza aronka"".
الترجمة
العربية বাংলা Bosanski English Español فارسی Français Indonesia Русский Tagalog Türkçe اردو 中文 हिन्दी Kurdî Hausa Português മലയാളം తెలుగు Kiswahili தமிழ் မြန်မာ Deutsch 日本語 پښتو Tiếng Việt অসমীয়া Shqip Svenska Čeština ગુજરાતી Yorùbá Nederlands ئۇيغۇرچە සිංහල دری Fulfulde Magyar ಕನ್ನಡ Кыргызча Lietuvių or Română Kinyarwanda Српски O‘zbek Moore नेपाली Wolof Soomaali Български Українська Azərbaycan ქართული тоҷикӣ Bambara Македонски Ελληνικά ភាសាខ្មែរ አማርኛ Italiano Malagasy Oromoo ไทย मराठी ਪੰਜਾਬੀ Lingala Akan Yao kmrالشرح
Harigeze kuza umugabo umwe ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga amuganyira ati: Mu vy'ukuri, igitwazi canje nahora niyunguruzako carapfuye, sinkikigira ikinderura, ndagusavye rero ko wongabira igitwazi nokwikorako maze kikanderura gushika iyo nipfuza kuja, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca aramuhakanira ko ata gitwazi afise yomugabira, umugabo umwe mu bari ng'aho aca avuga ati: Ewe Ntumwa y'Imana! Jewe ndashobora kumurangira umugiraneza yomugabira igitwazi, niho Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaca itomora mu kuvuga ko uyo muranzi w'iciza asangiye indishi n'umugiraneza, mu kuba na we nyene aronka impera nka zirya nyene umugiraneza aronka, kuko ari we yamurangiye uwukeneye kugabirwa.فوائد الحديث
Ihimirizwa ryo kurangira abantu ivyiza bakora.
Ihimirizwa ryo gukora ivyiza, ni kimwe mu bituma abislamu bafatana mu mugongo bagasabikanya no mu vyo bafise, gutyo bakunga urunani rw'intamenwa.
Ubwinshi bw'ivyiza bituruka ku Mana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere.
Iyi nyigisho y'intumwa, ni umushinge rusangi ngenderwako wisungwa mu bikorwa vyose vyiza.
Umuntu iyo adashoboye guhereza uwumusavye ivyo akeneye, araheza akamurangira uwundi muntu yomutunganiriza.
التصنيفات
Praiseworthy Morals