إعدادات العرض
Akarorero k'indyarya, ni nk'akarorero k'impene ijuragirika hagati y'ubusho bubiri bw'intungwa, ugasanga hari igihe ikurikiye ubu busho ikajana na bwo, ikindi gihe ugasanga ikurikiye buriya ikajana na bwo'
Akarorero k'indyarya, ni nk'akarorero k'impene ijuragirika hagati y'ubusho bubiri bw'intungwa, ugasanga hari igihe ikurikiye ubu busho ikajana na bwo, ikindi gihe ugasanga ikurikiye buriya ikajana na bwo'
Mu vyakiriwe na Mwene Omari (Imana Allah Ibishimire bompi) ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yavuze ati: "Akarorero k'indyarya, ni nk'akarorero k'impene ijuragirika hagati y'ubusho bubiri bw'intungwa, ugasanga hari igihe ikurikiye ubu busho ikajana na bwo, ikindi gihe ugasanga ikurikiye buriya ikajana na bwo'".
الترجمة
العربية English မြန်မာ Svenska Čeština ગુજરાતી Yorùbá Nederlands اردو Español Bahasa Indonesia ئۇيغۇرچە বাংলা Bosanski සිංහල हिन्दी Tiếng Việt Hausa മലയാളം తెలుగు Kiswahili پښتو অসমীয়া Shqip دری Ελληνικά Български Fulfulde ಕನ್ನಡ Кыргызча Lietuvių or Română Kinyarwanda Српски тоҷикӣ O‘zbek नेपाली Moore Kurdî Wolof Soomaali Français Tagalog Azərbaycan Українська Bambara தமிழ் Deutsch ქართული Português Македонски Magyar Русский فارسی 中文 ភាសាខ្មែរ Malagasy Oromoo ไทย मराठी ਪੰਜਾਬੀ Türkçe Lingala Italiano አማርኛ Danskالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratomora ukungene indyarya ibayeho, ko ari nk'intungwa ijuragirika hagati y'ubusho bubiri bw'intungwa, ntiheze ngo imenye ubusho ikwiye gukurikira ngo ijane na bwo, ugasanga hari igihe ikurikiye ubu busho ikajana na bwo, ikindi gihe ugasanga ikurikiye ubundi busho ikajana na bwo, ni ko rero indyarya zijuragirika hagati y'iyemeramana n'igararizamana, aho usanga zitari kumwe n'abemeramana mu buryo bugaragara no mu vyo zihishije ku mutima, eka mbere ntusanga ziri kumwe n'abagararizamana mu buryo bugaragara no mu vyo zihishije ku mutima; ahubwo ku vyo zigaragaza wogira ngo ziri kumwe n'abemeramana, kandi mu mishaha huzuyemwo amakenga no kudatsimbatara ku kwemera, gutyo hakaba igihe ubona ziri ku ruhande rw'aba, ikindi gihe ukabona ziri ku ruhande rwa bariya.فوائد الحديث
Biri mu burongozi bw'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) gutanga uburorero kugira yegereze insiguro (abo yigisha).
Kwerekana ukungene indyarya zibayeho mu kujuragirika, mu kugira amakenga no kutagira ifatiro (kudatsimbatara ku kwemera).
Kwihaniza abantu ngo ntibigenze nka kurya indyarya zibayeho, n'ukubahimiriza kwama ari imvugakuri no kwerekana aho bahagaze mu kwemera kwabo mu vyo bagaragaza no mu vyo bahisha mu mushaha.
