إعدادات العرض
Ntibirekuwe ko umuntu yigeramira eka ntibinarekuwe ko ageramira uwundi
Ntibirekuwe ko umuntu yigeramira eka ntibinarekuwe ko ageramira uwundi
Mu vyakiriwe na Se wa Sa'iid mwene Maaliki mwene Sinaani Al-Khudriy (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Ntibirekuwe ko umuntu yigeramira eka ntibinarekuwe ko ageramira uwundi".
الترجمة
العربية Español አማርኛ English اردو Indonesia বাংলা Français Türkçe Русский Bosanski සිංහල हिन्दी 中文 فارسی Tiếng Việt Tagalog Kurdî Hausa Português മലയാളം తెలుగు Kiswahili தமிழ் မြန်မာ ไทย Deutsch پښتو অসমীয়া Shqip Nederlands ગુજરાતી Кыргызча नेपाली Lietuvių دری Српски тоҷикӣ Kinyarwanda Magyar Čeština Moore Malagasy Oromoo ಕನ್ನಡ Wolof Azərbaycan O‘zbek Українська ქართული Македонски ភាសាខ្មែរ Bambara ਪੰਜਾਬੀ मराठी Kurmancî Bahasa Melayuالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratomoye ko ari ngombwa gukinga ibibangamira abantu, mu moko yavyo yose, iyo vyozanana hose, maze umuntu akavyikingira akanabikingira abandi, burya nta muntu n'umwe arekuriwe kwibangamira canke kubangamira abandi. Ntibinarekuwe ko umuntu agera ingere ku yindi iyo hagize uwumugeramira; kuko ikibangamye ntigikurwaho n'ikindi kibangamye kiretse iyo ari mu ntumbero yo kwihora ata kurenza urugero ku vyo umuntu yakorewe.فوائد الحديث
Birabujijwe ko umuntu yihora mu kurenza urugero rw'ikibi yakorewe.
Imana Allah ntiyigeze Itegeka abantu ikintu na kimwe cobageramira.
Iyi nyigisho y'intumwa, ni umushinge ngenderwako wisungwa mu kuziririza ko umuntu yigeramira. Ukugeramira abanndi gushobora kuba mw'ijambo, mu gukora ikintu canke mu kureka.
Biri mu mategeko y'ubwislamu ko "ikibangamye kidakurwaho n'ikindi", burya amategeko y'ubwislamu ntarekurira umuntu gukora ibibangamye, aranabuza cane kubangamira abandi.
