Nta n'umwe muri mwebwe yokwemera bikwiye, ivyipfuzo vyiwe bitabanje gukurikiza ivyo narungikanywe mu mabwirizwa

Nta n'umwe muri mwebwe yokwemera bikwiye, ivyipfuzo vyiwe bitabanje gukurikiza ivyo narungikanywe mu mabwirizwa

Mu vyakiriwe na Se wa Muhamadi, Abdullahi mwene Amri mwene Al'Aaswi (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Nta n'umwe muri mwebwe yokwemera bikwiye, ivyipfuzo vyiwe bitabanje gukurikiza ivyo narungikanywe mu mabwirizwa".

[قال النووي: حديث صحيح] [رويناه في كتاب الحجة بإسناد صحيح]

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratomoye ko mu vy'ukuri umuntu ataba umwemeramana akwije ukwemera gutegetswe, ivyo akunda bitabanje gukurikiza ivyo (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yazanye mu mabwirizwa y'ibitegetswe n'ibibujijwe, hamwe rero n'ibindi bitari ivyo, maze agakunda ivyo Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yategetse, akanka n'ivyo yabujije.

فوائد الحديث

Iyi nyigisho y'intumwa, ni umushinge ngenderwako wisungwa mu gushira aho ibwirizwa rishize no mu kurikurikiza ata kuryihinguzako.

Ukwihaniza umuntu ko uwuhirahiye agakoresha ubwenge kibure imico n'akaranga mu kubishira imbere y'amabwirizwa yazanwe n'Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ata kwemera gukwiye aba afise.

Ni ngombwa kwisunga amategeko y'ubwislamu muri vyose, hisunzwe iryungane riri mu nyigisho y'intumwa rivuga riti: "gukurikiza ivyo narungikanwe mu mabwirizwa"

Ukwemera kwiyongera hisunzwe ibikorwa nyumviramana, kugatubanuka bivanye n'ugukora ivyaha n'ibicumuro.