Uwushengereye ingoro ntagatifu ku bw'Imana Allah, maze ntarangwe n'ubushizi bw'isoni, ntarangwe kandi n'ingeso mbi, agaruka yejejwe ivyaha nk'umusi avyarwa na nyina ata caha afise

Uwushengereye ingoro ntagatifu ku bw'Imana Allah, maze ntarangwe n'ubushizi bw'isoni, ntarangwe kandi n'ingeso mbi, agaruka yejejwe ivyaha nk'umusi avyarwa na nyina ata caha afise

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narumvise Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) avuga ati: "Uwushengereye ingoro ntagatifu ku bw'Imana Allah, maze ntarangwe n'ubushizi bw'isoni, ntarangwe kandi n'ingeso mbi, agaruka yejejwe ivyaha nk'umusi avyarwa na nyina ata caha afise".

[صحيح] [متفق عليه]

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratomora ko uwo wese agiye gushengerera ku bw'Imana Allah, ingoro ntagatifu iri i Makka, maze ntarangwe n'ubushizi bw'isoni; ubwo na bwo bukaba ari ukurangura amabanga y'abubatse hamwe n'ivyipfuzo bijanye na kwo (n'ukurangura amabanga y'abubatse); nko gusomana canke guhoberana n'umugore. Ubushizi bw'isoni buvugwa ng'aha kandi, ni ukuvuga amajambo y'ibishegu n'ay'ubushirasoni; hanyuma ntarangwe n'ingeso mbi mu gukora ivyaha n'ibicumuro. Ibindi biharurwa mu ngeso mbi kandi, ni ugukora ibizira bikaziririzwa ku wuzirikanye ishengerera ry'ingoro ntagatifu yambaye urubega. Uwubahirije ivyo rero, agaruka avuye mw'ishengerera ry'ingoro ntagatifu, yarababariwe ivyaha vyiwe, agatahuka ata caha asigaranye nka kurya umwana avuka yejejwe ata vyaha afise.

فوائد الحديث

Ukurangwa n'ingeso mbi rero n'aho bisanzwe bibujijwe mu bihe vyose, ibuzwa ryavyo rirashimangirwa cane mu gihe c'ishengerera ry'ingoro ntagatifu, mu ntumbero yo kwubaha no kwubahiriza imigirwa ijanye n'iryo shengerera.

Umuntu rero avuka yejejwe ivyaha n'ibicumuro, nta kuntu yobazwa ku caha c'uwundi ngo agihanirwe.