Murashikiriza ivyo mwanyabuyeko (mwanyakiriyeko), n'aho yoba ari Aayah imwe gusa. Nta kabi ko mwiganira abantu inyigisho zakiriwe kuri Bene Israyeli mu gihe zidateye kubiri n'ivyo nigishije. Uwo wese rero, azombeshera nkana mu gushikiriza inyigisho y'irementanya ntigeze nigisha araheza rero…

Murashikiriza ivyo mwanyabuyeko (mwanyakiriyeko), n'aho yoba ari Aayah imwe gusa. Nta kabi ko mwiganira abantu inyigisho zakiriwe kuri Bene Israyeli mu gihe zidateye kubiri n'ivyo nigishije. Uwo wese rero, azombeshera nkana mu gushikiriza inyigisho y'irementanya ntigeze nigisha araheza rero yitegurire icicaro c'ibihano mu muriro udahera

Mu vyakiriwe na Abdullaahi mwene Amri (Imana Allah Imwishimire bompi we na se), yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'imana Allah) yavuze ati: "Murashikiriza ivyo mwanyabuyeko (mwanyakiriyeko), n'aho yoba ari Aayah imwe gusa. Nta kabi ko mwiganira abantu inyigisho zakiriwe kuri Bene Israyeli mu gihe zidateye kubiri n'ivyo nigishije. Uwo wese rero, azombeshera nkana mu gushikiriza inyigisho y'irementanya ntigeze nigisha araheza rero yitegurire icicaro c'ibihano mu muriro udahera".

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ategeka ko hashikirizwa ubumenyi bushingiye ku nyigisho n'imigenzo yiwe canke ku Gitabu ca Qor'ani, n'aho nya bumenyi bwoba buto nko gushikiriza Aayah imwe muri Qor'ani canke inyigisho imwe y'intumwa, ariko hagasabwa ko uwushikiriza nya bumenyi aba ari umumenyi koko azi ukuri ku vyo ashikiriza no ku vyo ararikira abantu ko bubahiriza. Aranerekana neza na neza (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ko ata kabi kari mu kwiganira abantu inyigisho zakiriwe ku vyabashikiye Bene Israyeli, mu gihe nya nyigisho zidaciye kubiri n'amabwirizwa yacu. Hanyuma aheraheza yihanikiriza ko hatogira uwumubeshera mu gushikiriza inyigisho y'irementanya atigeze yigisha; kuko uwumurementanirije mu gushikiriza nkana ivyo atigishije; uworamuka abikoze, araheza yitegurire ikibanza azoshikiramwo mu muriro udahera.

فوائد الحديث

Ugukundisha abantu ko bashikiriza abandi amabwirizwa y'Imana Allah; n'uko umuntu wese ategerezwa gushikiriza abandi ivyo yize agatahura n'aho vyoba ari bike.

Ukurondera ubumenyi bw'idini, ni ngombwa kugira ngo umuntu ashobore gutunganya neza ibikorwa nyegerezamana asabwa n'Imana Allah, hamwe rero n'ugushikiriza amabwirizwa yayo mu buryo bwiza kandi bwemewe.

Imbere y'ugushikiriza canke gukwiragiza inyigisho iyo ari yo yose, ni ngombwa ko umuntu yitaho kubanza gutohoza ukuri ku bijanye na yo. Ivyo akabikora ku kwiyubara kugwa mu basezeraniwe ibi bihano bikaze.

Uguhimiriza kwisunga ukuri mu majambo, n'ukwinengesera mu vyo umuntu ashikiriza; kugira ntasange aguye mu kinyoma na canecane mu gushikiriza ivyerekeye amabwirizwa y'Imana Allah.