Umumalayika Jibrili ntiyahengeshanya kwama yampanuye kwitaho umubanyi, kugeza n'aho nibwira ko azohava amugenera umugabane w'ibitegerezwa gutoranwa

Umumalayika Jibrili ntiyahengeshanya kwama yampanuye kwitaho umubanyi, kugeza n'aho nibwira ko azohava amugenera umugabane w'ibitegerezwa gutoranwa

Mu vyakiriwe na Mwene Omari (Imana Allah Ibishimire bompi), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Umumalayika Jibrili ntiyahengeshanya kwama yampanuye kwitaho umubanyi, kugeza n'aho nibwira ko azohava amugenera umugabane w'ibitegerezwa gutoranwa".

[صحيح] [متفق عليه]

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko umumalayika Jibrili atahengeshanya kwama yamwibukije kwitaho umubanyi, na we akaba ari urya muntu asanzwe yegereye ku muhana, yaba umwislamu canke umugararizamana; yaba uwa hafi mu muryango canke uwa kure; maze akitwararika kwubahiriza agateka kiwe no kutamugeramira, akamufasha mu bugwaneza, akamwihanganira hagize ico amubangamirako. Ntiyahengeshanya rero guhanura Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ko yitaho umubanyi wiwe kugeza n'aho, afatiye ku gateka kiwe gasabwa no ku kwama yamuhimirije kukubahiriza, yibwira ko Jibrili azohava amuhishurira ibwirizwa riha umubanyi ubureganzira bwo gutorana mu matungo yiwe azosiga niyamara gupfa.

فوائد الحديث

Agateka gahambaye k'umubanyi, n'uko ari ngombwa ko kubahirizwa.

Gushimangira agateka k'umubanyi mu kukita iragi "waswiyya", vyerekana ko ari ngombwa kwubaha no kwubahiriza umubanyi, ukumugaragariza urukundo hamwe rero no kumufasha mu bugwaneza, kumukingira igeramira iyo ryozanana hose, kumusuhuza igihe arwaye, kumukeza igihe agize urubanza, hamwe rero no kumuremesha igihe ahuye n'ikiza.

Uko umubanyi aba ari hafi yawe cane niko agira agateka gashimangiwe kuruta ak'urya mubanyi ari kure yawe.

Itungana ry'amategeko y'ikislamu mu kuba yaje ahurikiyemwo ibitunganiriza abantu mu kibano, mu gufasha ababanyi mu bugwaneza hamwe no kubarinda igeramira iyo ryozanaza hose.

التصنيفات

Conciliation and Neighborhood Rulings