إعدادات العرض
Umumalayika Jibrili ntiyahengeshanya kwama yampanuye kwitaho umubanyi, kugeza n'aho nibwira ko azohava amugenera umugabane w'ibitegerezwa gutoranwa
Umumalayika Jibrili ntiyahengeshanya kwama yampanuye kwitaho umubanyi, kugeza n'aho nibwira ko azohava amugenera umugabane w'ibitegerezwa gutoranwa
Mu vyakiriwe na Mwene Omari (Imana Allah Ibishimire bompi), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Umumalayika Jibrili ntiyahengeshanya kwama yampanuye kwitaho umubanyi, kugeza n'aho nibwira ko azohava amugenera umugabane w'ibitegerezwa gutoranwa".
الترجمة
العربية বাংলা Bosanski English Español فارسی Français Indonesia Русский Türkçe اردو 中文 हिन्दी ئۇيغۇرچە Kurdî Português മലയാളം తెలుగు Kiswahili தமிழ் සිංහල မြန်မာ Deutsch 日本語 پښتو Tiếng Việt অসমীয়া Shqip Svenska Čeština ગુજરાતી Yorùbá Nederlands Hausa دری Fulfulde Magyar ಕನ್ನಡ Кыргызча Lietuvių or Română Kinyarwanda Српски O‘zbek Moore नेपाली тоҷикӣ Wolof Soomaali Български Українська Tagalog Azərbaycan ქართული Bambara Македонски Ελληνικά ភាសាខ្មែរ አማርኛ Malagasy Akan Oromoo ไทย मराठी ਪੰਜਾਬੀ Lingala Italiano Yao kmrالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko umumalayika Jibrili atahengeshanya kwama yamwibukije kwitaho umubanyi, na we akaba ari urya muntu asanzwe yegereye ku muhana, yaba umwislamu canke umugararizamana; yaba uwa hafi mu muryango canke uwa kure; maze akitwararika kwubahiriza agateka kiwe no kutamugeramira, akamufasha mu bugwaneza, akamwihanganira hagize ico amubangamirako. Ntiyahengeshanya rero guhanura Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ko yitaho umubanyi wiwe kugeza n'aho, afatiye ku gateka kiwe gasabwa no ku kwama yamuhimirije kukubahiriza, yibwira ko Jibrili azohava amuhishurira ibwirizwa riha umubanyi ubureganzira bwo gutorana mu matungo yiwe azosiga niyamara gupfa.فوائد الحديث
Agateka gahambaye k'umubanyi, n'uko ari ngombwa ko kubahirizwa.
Gushimangira agateka k'umubanyi mu kukita iragi "waswiyya", vyerekana ko ari ngombwa kwubaha no kwubahiriza umubanyi, ukumugaragariza urukundo hamwe rero no kumufasha mu bugwaneza, kumukingira igeramira iyo ryozanana hose, kumusuhuza igihe arwaye, kumukeza igihe agize urubanza, hamwe rero no kumuremesha igihe ahuye n'ikiza.
Uko umubanyi aba ari hafi yawe cane niko agira agateka gashimangiwe kuruta ak'urya mubanyi ari kure yawe.
Itungana ry'amategeko y'ikislamu mu kuba yaje ahurikiyemwo ibitunganiriza abantu mu kibano, mu gufasha ababanyi mu bugwaneza hamwe no kubarinda igeramira iyo ryozanaza hose.
