Ntimukarenze urugero mu kumpayagiza nka kurya abanaswara barengeje urugero mu guhayagiza Mwene Mariyamu. Ni ukuri, jewe ndi Umuja w'Imana Allah. Nimwashaka rero kunshimagiza, muraheza muvuge muti: "Umuja w'Imana Allah akaba n'Intumwa yayo

Ntimukarenze urugero mu kumpayagiza nka kurya abanaswara barengeje urugero mu guhayagiza Mwene Mariyamu. Ni ukuri, jewe ndi Umuja w'Imana Allah. Nimwashaka rero kunshimagiza, muraheza muvuge muti: "Umuja w'Imana Allah akaba n'Intumwa yayo

Mu vyakiriwe na Omari mwene Al-Khattwaabi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narumvise Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) avuga ati: "Ntimukarenze urugero mu kumpayagiza nka kurya abanaswara barengeje urugero mu guhayagiza Mwene Mariyamu. Ni ukuri, jewe ndi Umuja w'Imana Allah. Nimwashaka rero kunshimagiza, muraheza muvuge muti: "Umuja w'Imana Allah akaba n'Intumwa yayo"".

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arabuza akihanikiriza kurenza urugero rurekuwe n'amategeko mu kumuhayagiza bamutazira amatazirano y'Imana Allah, no mu kumushinga ibikorwa vyagenewe Imana Allah, canke ko yoba azi ibinyegejwe ibiremwa, canke ko yosabwa hamwe n'Imana Allah, nka kurya abanaswara babigenjeje mu guhayagiza Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y'Imana Allah). Hanyuma arerekana neza na neza ko we ari Umuja mu baja b'Imana Allah, akanabwiriza abantu ko mu kumuhayagiza bovuga bati: "Umuja w'Imana Allah akaba n'Intumwa yayo".

فوائد الحديث

Ukwihanikiriza ukurenza urugero rurekuwe n'amategeko mu kwubaha n'uguhayagiza; kuko ivyo vyohava bita umuntu mw'ibangikanyamana.

Ivyo Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yihanije ko vyoshika, vyahavuye bishikira abo yarungitsweko, maze muri bo hibonekeza umugwi wakabije mu kurenza urugero rwo guhayagiza Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), n'uwundi warengeje urugero mu guhayagiza abanyamuryango wayo "ahlu l-bayt", n'uwundi mugwi rero warengeje urugero mu guhayagiza abatoni b'Imana Allah "awliyaa-i"; abo bose rero bakaba baraguye mw'ibangikanyamana.

Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yataziriwe ko ari Umuja yaremwe n'Imana Allah; kugira yerekane ko ari Umuja yitonesha koko ku Mana Allah, gutyo bikaba bitarekuwe ko yohabwa na kimwe mu biranga Imana Yonyene Rurema Allah.

Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yitaziriye kandi ko ari Intumwa y'Imana Allah, kugira yerekane neza na neza ko ari Intumwa koko yarungitswe n'Imana Allah, gutyo bikaba ari ngombwa ko yemerwa, yumvirwa igakurikirwa.