إعدادات العرض
Uwuzohura n'Imana Allah atigeze ayibangikanya n'ikintu na kimwe, azokwinjira mu Bwami bw'ijuru. Nayo uwuzohura na Yo yarayibangikanije, azokwinjira mu muriro udahera
Uwuzohura n'Imana Allah atigeze ayibangikanya n'ikintu na kimwe, azokwinjira mu Bwami bw'ijuru. Nayo uwuzohura na Yo yarayibangikanije, azokwinjira mu muriro udahera
Mu vyakiriwe na Jaabiri mwene Abdillaahi (Imana Allah Ibishimire bompi we na se), yavuze ati: "Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ivuga iti: "Uwuzohura n'Imana Allah atigeze ayibangikanya n'ikintu na kimwe, azokwinjira mu Bwami bw'ijuru. Nayo uwuzohura na Yo yarayibangikanije, azokwinjira mu muriro udahera".
الترجمة
العربية বাংলা Bosanski English Español فارسی Français Bahasa Indonesia Türkçe اردو 中文 हिन्दी Tagalog ئۇيغۇرچە Kurdî Hausa Português മലയാളം తెలుగు Kiswahili தமிழ் မြန်မာ Русский Deutsch 日本語 پښتو Tiếng Việt অসমীয়া Shqip Svenska Čeština ગુજરાતી አማርኛ Yorùbá Nederlands සිංහල ไทย دری Български Fulfulde Magyar Italiano ಕನ್ನಡ Кыргызча Lietuvių Malagasy or Română Kinyarwanda тоҷикӣ O‘zbek Akan नेपाली Moore Azərbaycan Wolof Oromoo Soomaali Українська bm km ქართული Македонски Српскиالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arerekana ko uwupfuye atabangikanya Imana Allah n'ikintu na kimwe, amaherezo yiwe ari mu Bwami bw'ijuru, n'aho yobanza guhanirwa bimwe mu vyaha vyiwe, n'uko uwupfuye ayibangikanya n'ikintu na kimwe, azoja mu muriro udahera ubutakivayo.فوائد الحديث
Akamaro k'ukwemera ko Imana Allah ari Imwe Rudende, n'uko ari kwo kuzorokora abantu mu kugumizwa mu muriro udahera ubutakivayo.
Ko Ubwami bw'ijuru n'umuriro udahera, biri hafi cane y'umuntu; kuko ata kiri hagati yiwe no kuvyinjira atari urupfu gusa.
kwihaniza n'ukwamirira kure ibangikanyamana uko ringana kwose, ryaba rito canke rinini; kuko ukurokoka mu muriro udahera gushingiye ku kwirinda ibangikanyamana.
Igihambaye mu bikorwa umuntu akora, ni impera n'imperuka azosozererako ubuzima (ibikorwa birabwa umusozo).