Umuriro udahera wakikujwe n'ibikundwa n'abantu mu bisayangana vy'isi; Ubwami bw'ijuru na bwo bwakikujwe n'ibidakundwa n'abantu mu vy'isi

Umuriro udahera wakikujwe n'ibikundwa n'abantu mu bisayangana vy'isi; Ubwami bw'ijuru na bwo bwakikujwe n'ibidakundwa n'abantu mu vy'isi

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'imana Allah), yavuze iti: "Umuriro udahera wakikujwe n'ibikundwa n'abantu mu bisayangana vy'isi; Ubwami bw'ijuru na bwo bwakikujwe n'ibidakundwa n'abantu mu vy'isi".

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arerekana neza na neza, ko umuriro udahera ukikujwe n'ibintu umuntu akunda akavyipfuza mu guhurumbira gukora ibizira canke mu kudebukirwa gukora ibisabwa; uwuramutse rero atwawe n'ivyipfuzo vy'umutima wiwe, aba ahisemwo umuriro udahera. Arasigura n'uko Ubwami bw'ijuru bukikujwe n'ibintu umuntu adakunda; nko kwubaha akubahiriza amabwirizwa, maze akirinda gukora ibizira, akihanganira kudatwarwa n'ivyipfuzo vyiwe. Iyo rero akoze ibisabwa maze akihangana mu kutavogera ibizira, aba ahisemwo kwinjira mu Bwami bw'ijuru.

فوائد الحديث

Bimwe mu bituma abantu batwarwa n'ivyipfuzo vyabo maze bakagwa mu vyaha, ukuryoherezwa na shetani ugukora ibibi n'ibicumuro, kugera n'aho umuntu abona nya kibi canke nya gicumuro nk'aho ari iciza maze akagihurumbira.

Ni ngombwa kwubahiriza ibwirizwa ry'ukwirinda gutwarwa n'ibihendamaso vy'isi mu gukora ibizira, kuko ari yo nzira ishikana umuntu mu muriro udahera; hakubahirizwa n'ukwihanganira ibidakundwa n'abantu mu gukora ibisabwa, kuko ari yo nzira ishikana umuntu mu Bwami bw'ijuru.

Ivyiza vyo guhangana n'umushaha mu kugira akigoro ko guhurumbira ibikorwa nyegerezamana, hamwe rero n'ukwihanganira gukora ibisabwa bidakundwa n'abantu hamwe n'uburemere buri mu kwubahiriza ibikorwa nyumviramana.