Ntibirekuwe ko umuntu ahunga mwenewabo ikiringo kirenga imisi itatu, maze uyu yahura n'uyu akamwirengagiza, n'uriya yahura n'uyu akamwirengagiza, burya intore muri bo, ni urya yitanganiza mu kuramutsa amahoro mugenziwe

Ntibirekuwe ko umuntu ahunga mwenewabo ikiringo kirenga imisi itatu, maze uyu yahura n'uyu akamwirengagiza, n'uriya yahura n'uyu akamwirengagiza, burya intore muri bo, ni urya yitanganiza mu kuramutsa amahoro mugenziwe

Mu vyakiriwe na Abu Ayyuubu Al-Answaariy (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Ntibirekuwe ko umuntu ahunga mwenewabo ikiringo kirenga imisi itatu, maze uyu yahura n'uyu akamwirengagiza, n'uriya yahura n'uyu akamwirengagiza, burya intore muri bo, ni urya yitanganiza mu kuramutsa amahoro mugenziwe".

[صحيح] [متفق عليه]

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarabujije ko umwislamu ahunga mwenewabo mu kiringo kirenga imisi itatu, aho usanga bahura ntibaramukanye, ntibanavugane. Intore rero muri aba babiri batase, ni urya arazwa ishinga n'ugukuraho ukwo guhungana, maze akitanganiza mu kuramutsa uwundi. Uguhunga uwundi kuvugwa ng'aha, ni kurya guterwa n'ivyo bapfa ku gatwe kabo, nayo uguhunga uwundi guterwa n'uguharanira agateka k'Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere; nko guhunga ibigaba birenga ku mabwirizwa y'Imana Allah, abadukana bishasha mw'idini hamwe n'abagenzi babi, uguhunga abantu nk'abo ntigufise ikiringo guhererako, ahubwo ikiringo c'ukugumaho canke guhera kw'uko guhunga, kuvana n'ukuba icabitumwe giheze canke kibandanya, maze ukwo guhunga kugahagarikwa n'uko icabitumye giheze.

فوائد الحديث

Irekurirwa ry'uguhunga mugenzawe, ni mu kiringo kitarenga imisi itatu kuja musi yaco, harimwo kwitwararika ingene abantu baremye, ni no kuri iyo mvo rero, harekuriwe ikiringo c'imisi itatu kugira icabitumye kiveho kinaherengetere muri ico kiringo.

Ivyiza vyo kuramutsa indamutso y'amahoro, iheza igakura mu mushaha inzigo y'inzikira n'urwanko, ikaba n'ikimenyetso kigaragaza urukundo.

Ubwislamu kwitwararika itsimbatazwa ry'ubuvandimwe n'ukumenyerana hagati y'abislamu.

التصنيفات

Virtues and Manners, Desertion and its Conditions, Manners of Greeting and Seeking Permission