إعدادات العرض
Umwe wese mu bantu narungitsweko, azokwinjira mu Bwami bw'ijuru kiretse gusa uwuzokwanka
Umwe wese mu bantu narungitsweko, azokwinjira mu Bwami bw'ijuru kiretse gusa uwuzokwanka
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Umwe wese mu bantu narungitsweko, azokwinjira mu Bwami bw'ijuru kiretse gusa uwuzokwanka".Abari bicaye ng'aho baca bavuga babaza bati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ni nde yokwubahuka koko akanka kwinjira mu Bwami bw'ijuru!?". Na yo ica yishura iti: "Uwuzonyumvira mu gushira mu ngiro ivyo nigishije, azokwinjira mu Bwami bw'ijuru; nayo uwuzogabitanya mu kutankurikira, ni uko azoba yanse kubwinjira".
الترجمة
العربية বাংলা Bosanski English Español فارسی Français Indonesia Русский Tagalog Türkçe اردو 中文 हिन्दी Kurdî Hausa Português മലയാളം తెలుగు Kiswahili தமிழ் မြန်မာ Deutsch 日本語 پښتو Tiếng Việt অসমীয়া Shqip Svenska Čeština ગુજરાતી Yorùbá Nederlands ئۇيغۇرچە සිංහල دری Fulfulde Magyar ಕನ್ನಡ Кыргызча Lietuvių or Română Kinyarwanda Српски O‘zbek Moore नेपाली тоҷикӣ Wolof Soomaali Български Українська Azərbaycan ქართული Bambara Македонски Ελληνικά ភាសាខ្មែរ አማርኛ Malagasy Oromoo ไทย मराठी ਪੰਜਾਬੀ Lingala Italiano Akan Yao kmrالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko umwe wese mu bantu yarungitsweko azokwinjira mu Bwami bw'ijuru, kiretse gusa uwuzokwanka ku gatwe kiwe! Ingendanyi zari zicaye ng'aho (Imana Allah Izishimire) zica zivuga zibaza ziti: Ni nde ga Ntumwa y'Imana, yokwubahuka akanka kwinjira mu Bwami bw'ijuru!? Intumwa na yo (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), maze ica izishura ko uwuzogamburuka maze akumvira akanakurikira Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), azokwinjira mu Bwami bw'ijuru; n'uko mu vy'ukuri, uwuzogabitanya mu kutayumvira ku mabwirizwa (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), azoba yanse kwinjira mu Bwami bw'ijuru kubera ibikorwa vyiwe bibi yakoze.فوائد الحديث
Ukwumvira Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), biri mu kwumvira Imana Allah; n'ukugabitanya kuri yo, biri mu kugabitanya ku Mana Allah.
Ukwumvira Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), gutuma umuntu ategerezwa kuzokwinjira mu Bwami bw'ijuru; ukugabitanya kuri yo na kwo, gutuma umuntu ategerezwa kuzokwinjira mu muriro.
Inkuru nziza ihumuriza abumviramana mu bantu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), n'uko bose bazokwinjira mu Bwami bw'ijuru, kiretse gusa uwuzogabitanya ku Mana Allah no ku Ntumwa yayo.
Ikigongwe n'impuhwe vy'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ku bantu biwe yarungitsweko, n'ukwitwararika kubarongora mu nzira igororotse.
