Mu vy'ukuri, abantu bakoresha nabi amatungo y'Imana Allah, maze bakayakoresha mu vyo atagenewe, baragenewe umuriro ku musi w'izuka ry'ibiremwa

Mu vy'ukuri, abantu bakoresha nabi amatungo y'Imana Allah, maze bakayakoresha mu vyo atagenewe, baragenewe umuriro ku musi w'izuka ry'ibiremwa

Mu vyakiriwe na Khawla Al-Answaariyya (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narigeze kwumva Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) avuga ati: "Mu vy'ukuri, abantu bakoresha nabi amatungo y'Imana Allah, maze bakayakoresha mu vyo atagenewe, baragenewe umuriro ku musi w'izuka ry'ibiremwa"".

[صحيح] [رواه البخاري]

الشرح

Uvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yaratwiganiye ku vyerekeye abantu bakoresha nabi amatungo y'abislamu, maze bakayakoresha mu vyo atagenewe, bakanayihereza mu buryo batarekuriwe, ko bategekanirijwe umuriro. Iyi ni mu nsiguro rusangi ihurikiyemwo ikoreshwa nabi ry'amatungo, haba mu gihe co kuyegeranya no kuyatororokanya mu bizira, canke mu kuyakoresha mu bitarekuwe no ku batabirekuriwe, harimwo no kurya amatungo y'impfuvyi, amatungo yagenewe igikorwa nyezina "waq-fu", umuntu kwihakana imbitso yabikijwe "amaana" maze akayihagira, hamwe rero no kwihereza ivyo umuntu atarekuriwe mu matungo rusangi. Mu nyuma Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yaratwiganiye ko impera y'abo bantu, ari ukwinjizwa mu muriro ku musi w'izuka ry'ibiremwa.

فوائد الحديث

Amatungo ari mu minwe y'abantu, mu vy'ukuri ni amatungo y'Imana Allah Ibabikije, Iheza Ikayabakurakuranyako kugira bayakoreshe mu nzira no mu buryo bwemewe bushingiye ku mabwirizwa, baheze birinde no kuyakoresha mu nzira no mu buryo butarekuwe. Iyi ngingo rero, yega abantu bose uhereye ku ndongozi (zo hejuru) hari ivyo zaragijwe gushika ku bantu bose, umwe wese ku co yaragijwe n'Imana Allah.

Ikoreshwa ry'umukazo ku vyereye amatungo rusangi, n'uko uwo wese hari ico yaragijwe gutunganiriza abantu, bitebe bitebuke ategerezwa kuzokibazwa ku musi w'izuka ry'ibiremwa, maze aharurirwe ukuntu yacegeranije n'ukuntu yagikoresheje.

Ugusezeranirwa igihano ku bantu bakoresha nabi amatungo, harimwo n'ikoreshwa ry'amatungo mu bitarekuwe n'amabwirizwa y'ubwislamu, haba mu matungo y'umuntu bwite canke mu matungo y'uwundi.

التصنيفات

Virtues and Manners, Condemning Love of the World