Uwubangamira abandi, Imana Allah Iraheza Ikamubangamira; uwuremereje abandi, Imana Allah Iraheza Ikumuremereza

Uwubangamira abandi, Imana Allah Iraheza Ikamubangamira; uwuremereje abandi, Imana Allah Iraheza Ikumuremereza

Mu vyakiriwe na Abu Swirma (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Uwubangamira abandi, Imana Allah Iraheza Ikamubangamira; uwuremereje abandi, Imana Allah Iraheza Ikumuremereza".

[حسن] [رواه أبو داود والترمذي وابن ماجه وأحمد]

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarihanije umwislamu kubangamira umuntu, canke kumuremereza ku kintu ico ari co cose; haba ku bimwega ku gatwe kiwe, canke mu matungo yiwe canke mu biwe; aburira umuntu akora ivyo rero, ko Imana Allah Iheza Ikamuha ibihano bijanye n'ubwoko bw'ivyo yakoze.

فوائد الحديث

Iziririzwa ryo kugeramira umwislamu no kumuremereza.

Imana Allah Irihorera abaja bayo ku bibi bakorerwa.

التصنيفات

Rulings of Allegiance and Dissociation