إعدادات العرض
Iyo abislamu babiri bakuye imipanga (canke inkota zabo) mu rwubati ngo barwane, maze umwe muri bo akica mugenziwe, uwishe n'uwishwe bose bazoja mu muriro
Iyo abislamu babiri bakuye imipanga (canke inkota zabo) mu rwubati ngo barwane, maze umwe muri bo akica mugenziwe, uwishe n'uwishwe bose bazoja mu muriro
Mu vyakiriwe na Abu Bakra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narigeze kwumva Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti: "Iyo abislamu babiri bakuye imipanga (canke inkota zabo) mu rwubati ngo barwane, maze umwe muri bo akica mugenziwe, uwishe n'uwishwe bose bazoja mu muriro". Naciye mvuga mbaza nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ku wishe, birumvikana igitumye ahanwa, none uwishwe wewe azira iki?". Yaciye yishura ivuga iti: "Azira ko na we nyene yari arajwe ishinga n'ukwica mugenziwe iyo atamwitanga"".
الترجمة
العربية বাংলা Bosanski English Español فارسی Français Indonesia Русский Tagalog Türkçe اردو 中文 हिन्दी ئۇيغۇرچە Kurdî Hausa Português മലയാളം తెలుగు Kiswahili မြန်မာ Deutsch 日本語 پښتو Tiếng Việt অসমীয়া Shqip Svenska Čeština ગુજરાતી Yorùbá Nederlands සිංහල தமிழ் دری Fulfulde Magyar ಕನ್ನಡ Кыргызча Lietuvių or Română Kinyarwanda Српски тоҷикӣ O‘zbek Moore नेपाली Oromoo Wolof Soomaali Български Українська Azərbaycan Bambara ქართული Македонски Ελληνικά Akan ភាសាខ្មែរ አማርኛ Malagasy ไทย मराठी ਪੰਜਾਬੀ Lingala Italiano Yao kmrالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratwiganira ko iyo abislamu babiri bakuye imipanga cane inkota mu rwubati ngo babikoreshe mu kurwana, maze umwe wese muri bo akarazwa ishinga n'ukwikiza mugenziwe ngo amwice; uwishe uwundi azoja mu muriro ku caha kigaragara co kwica mugenziwe. Aha ingendanyi zaragize impungenge ku wishwe, zishaka kumenya igituma yohanwa akaja mu muriro, zica zibaza ziti: bishoboka gute ko yoja mu muriro kandi ari we yishwe?, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye azimara impungenge ku gituma uwishwe ahanwa mu muriro, ko na we nyene yari yararajwe ishinga n'ukwica mugenziwe, akaba yabujijwe kumwica n'uko yamwitanze akamwica.فوائد الحديث
Umuntu guhabwa igihano ku mvo z'ukuzirikana no kugira ishaka mu mutima wiwe ryo gukora icaha hamwe no gutegura ibituma yokora nya caha.
Ukwihaniza cane gukora ivyotera indwano mu bislamu bamwe ku bandi, hamwe no kugenerwa igihano c'umuriro.
Ukurwana hagati y'abislamu ku mvo z'ukuri zumvikana, ntikiri mu bituma bagenerwa igihano. Akarorero, ni nko kurwanya abagenzwa n'akarenganyo n'ubwononyi kw'isi.
Uwukoze icaha rutura, ntafatwa nk'umugarariji kuko gusa akoze nya caha; kuko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) muri iyi nyigisho y'intumwa, yise abislamu abahanganye babiri ku rugamba.
Iyo abislamu babiri bahanganye bitwaje ibirwanisho bagakoresha ico ari co cose cica, maze umwe muri bo akicisha nya kirwanisho mugenziwe, uwishe n'uwishwe bompi, bazoja mu muriro. Ivugwa ry'ikirwanisho c'umupanga (canke inkota) muri iyi nyigisho y'intumwa, ryakoreshejwe mu gutanga akarorero gusa.
